Itabi: Abana b'abavyeyi banywa itabi bafise incuro kane ivyago vyo kurinywa, biri mu cigwa

Umugabo urimo kunywa itabi

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Malu Cursino
    • Igikorwa, BBC News

Ivyago vyo kunywa itabi ku bayabaga (abangavu) bafise abavyeyi barinywa vyikuba incuro kane, nk'uko abahinga babivuga.

Abavyeyi n'abarezi bahabwa inama yo guheba itabi burundu mu mwaka mushasha buca utangura, nka kimwe mu bikorwa biri mw'isekeza rya leta y'Ubwongereza ryo kurwanya itabi.

Isekeza ryiswe Amagara meza azira itabi rimurika ivyavuye mu bushakashatsi ku ngaruka ziturutse ku bakuze banywera itabi iruhande y'abakiri bato mu buzima bwabo.

Rivuga ko ibice 4.9% vy'abayabaga bafise abavyeyi b'abanywi b'itabi nabo bacika abanywi baryo.

Ariko ku bayabaga (abangavu) bafise abavyeyi batanywa itabi, abatarenga 1.2 % nibo baheza bakanywa itabi.

Ireresi nshasha iheruka gusohorwa n'igisata kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza NHS (National Health Service) yerekana abahinga baganira ivyerekeye uwo muhora.

Muganga Nighat Arif ajejwe gukurikirana amagara y'imiryango muri rusangi (General Practitioner) hamwe na muganga Bettina Hohnen, umuhinga mu gukurikirana amagara y'abana afatiye ku nyifato n'ivyiyumviro, basaba abavyeyi banywa itabi guhindura ingendo, bakazana akarusho kazomara igihe kirekire.

Maggie Throup, wo mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu, yavuze ko yizeye ko ubwo bushakashatsi butera intege abavyeyi bagashobora guheba itabi.

Yagize ati :"Turazi ko benshi bigira inama yo guheba itabi mu kwezi kwa mbere kw'umwaka, kandi uretse ko hari ivyiza vyinshi vyo gufata iyo ngingo ku giti c'umuntu bwite, twizeye ko muri iri sekeza- kugaragaza isano uruhara rw'abavyeyi mu guhererekanya iyo ngeso yo kunywa itabi n'abana babo- bizokwongerera ingoga abinanata guheba gukwega agatabi burundu uyu mwaka."

Avuga ko abo bose bifuza guheba itabi, baba abavyeyi, abarezi n'uwundi wese, hariho ubufasha bwabaganewe.

Muri bwo harimwo ubuhinga bwa porogarama ntonto bita 'application', butangwa n'igisata c'amagara y'abantu 'NHS Quit Smoking app.'

Hari n'ubufasha buca kuri FaceBook hamwe rero no ku murongo wa internet buha buri munywi w'itabi uburyo bwo kwikurikiranira uko ariko arashira mu ngiro uwo mugambi wo kuriheba.