Tigray: Ethiopia yugaye amashure mu kiringo c'indwi yose mu gushigikira utwigoro tw'intambara

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi ba Ethiopia bugaye amashure yose yisumbuye kugira ngo abanyeshure bashobore kuja gushwabura ibirimwa mu twigoro two gufata mu mugongo abasirikare bari ku rugamba mu ntambara yo muri ico gihugu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyegamiye reta.
Umushikiranganji w'indero asubanura ko iyi ngingo ngingo izomara iyinga rimwe.
Reta ivuga ko abana barenga imiliyoni zibiri bataye amashure kubera iyi ntambara yatanguriye mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia mu mwaka uheze.
Mu gihe intambara ibandanya iba ndanse, ingabo za reta zivuga ko ziriko zirigarurira ibisagara vyari mu minwe y'inyeshamba za Tigray.
Ku wa gatatu, ingabo za reta zatangaje ko zisubije igisagara gifise akahise gakomeye ca Lalibela, gisanzwe kirimwo amasengero ari mu mutungo w'isi wa Unesco.
Mu kiganiro yagiranye na BBC, intwazangabo y'igisirikare ca Ethiopia avuga ko ingabo z'igihugu zitarota zidohoka ku rugamba, inyuma y'intambwe ziherutse gutera.
Liyetena Jenerali Bacha Debele ati: "Sinshobora kuvuga ko tuzohava turuhuka tumaze gushika i Mekelle [umugwa mukuru wa Tigray] canke mu bindi bibanza, ahubwo tuzokwisubiza n'utundi turere turi mu minwe y'Abawoyane [abarwanyi ba Tigray People's Liberation Front (TPLF)]. Tuzobakurikirana gushika tubatujije".
Iyi ntambara iteje akaga gakomeye ku mibereho y'abanyagihugu, aho mu kw'icumi kwonyene amashure matomato arenga 300 yasambuwe, nk'uko biri mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'indero ryacishijwe ku rubuga rwa Facebook.
Iri tangazo ribandanya rivuga ko reta izokora uko ishoboye kwose kugira ngo aya mashure yasambuwe asanurwe.
Iyi ntambara yagiye gukomera cane igihe abarwanyi ba Tigray batangarije mu kwezi guheze ko bariko barasugereza umugwa mukuru Addis Abeba.
Bakoze kandi n'ibitero bafise intumbero yo gushika ku rubibe Ethiopia ihana na Djibouti mu buseruko - ikintu gikomeye cane kuko ari inzira icishwamwo ibidandazwa vyinjira muri Ethiopia, igihugu kidafise umuhora ugishikana kw'ibahari.
Ibi vyatumye umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed atangaza ingingo yo kuja gufata mu mugongo ingabo ziri ku rugamba, kuva ico gihe imboneshakure y'igihugu ikaba imwerekana ari ku rubuga.
TPLF ivuga ko "yasubiye inyuma ku mayeri" ikava mu turere tumwe tumwe igisirikare c'igihugu kivuga ko cigaruriye.







