Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid -Omicron: Abagwayi biyongereye incuro zibiri muri South Africa mu masaha 24
Abajejwe amagara y'abantu bavuze ko ubwoko bushasha bwa coronavirus, Omicron ubu aribwo bwiganje cane muri Afrika y'epfo kandi ko bwongereje igitigiri c'abariko barandura bashasha.
Abagwayi bashasha ba Covid bashika 8500 ni bo bamaze kumenyekana mu biharuro vya buri munsi vyo muri iyi misi ya vuba.
Ivyo biharuro ni nk'incuro zibiri igitigiri ca 4300 bari bemejwe ko bandukiwe n'iyo ngwara ejo hahise.
Ubu Omicron imaze gutorwa mu bihugu 24 hirya no hino kw'isi nk'uko bishikirizwa n'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS.
Afrika y'epfo ni co gihugu ca mbere catanguye gutora ubwo bwoko bushasha buhindagurika cane. Ikigo c'igihugu kijejwe ingwara zandukira (NICD) kivuga ko urugero rurenga 70% vy'ibipimo vyose vyakozwe mu kwezi guheze vyatowemwo ubwo bwoko bushasha.
Ubuhinde, Ghana, Saudi Arabia na Reta Zunze Ubumwe z'Abarabu ni bimwe mu bihugu biherutse kwemeza vyabonetsemwo Omicron. Ibindi harimo Ubwongereza, Reta Zunze Ubumbwe za Amerika n'Ubudagi vyarabonetsemwo abantu banduye ubwo bwoko bushasha bwa corona.
Haracari ibibazo vyinshi kuri Omicron bitararonka inyishu, harimwo kumenya icerekeye ubushobozi incanco z'ubu zifise bwo gukinga uwo mugera.
WHO yabwise "ubwoko bwa corona buteye umutima uhagaze" inavuga ko ibiherutse kugaragara vyerekana ko ugusubira kwandura iyo ngwara bishoboka ku rugero rwo hejuru.
Mu ntango z'iyi ndwi, ibihugu vyo hirya no hino kw'isi vyarahagaritse ingendo z'indege ziva muri Afrika y'Epfo igihe hamenyekana ko buriko burakwiragira.
Ibi vyatumye umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe imigenderanire yidoga ko bahanywe - hagukomerwa amashi - kuba batoye ubwo bwoko bwa Omicron.
Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa nawe yavuze ko "ababajwe cane" n'ihagarikwa ry'ingendo, yavuze ko ata shingiro rifise.
Umukuru wa WHO Tedros Adhanom Ghebreyesus yaragabishije ko izo ngingo ku kiza Covid zihana Afrika y'ubumanuko.
Urugero rw'abandura ubwo bwoko bushasha rwitezwe kuduga mu gifatwa ubu nk'intango y'umupfunda ugira kane muri Afrika y'Epfo, igisata kijejwe amagara y'abantu muri ico gihugu kikavuga n'igitigiri c'abinjira ibitaro kimaze kwiyongera gato.
Umunyamakuru wa BBC mu gisata c'amagara y'abantu Nick Triggle avuga ko ico ivyo bisigura ku zindi mpande z'isi zisigaye kitagaragara, narirya Afrika y'Epfo yigeze kugira ikindi gitigiri kinini c'abagwayi b'ubundi bwoko bwa corona - Beta - butigeze butera ingorane zikomeye mu bindi bice vy'isi.
Kubera ubwo bwoko bwa Beta na Delta, ishusho nyayo y'ingene ibintu vyifashe muri Afrika y'Epfo ntiizogaragara gushika "abantu bagware cane bakenere kuja mu bitaro" , ivyo navyo bikaba bishobora gufata "indwi zitatu, zine.." nk'uko bivugwa na Prof Salim Abdool Karim wo mu mugwi ujejwe kurwanya Coronavirus.
Yabwiye ikiganiro ca BBC Newsday ati: "Inyishu turonka iva ku rubuga n'uko bidakabije cane - nta kintu giteye ubwoba gitandukanye n'ivyo tubona canke n'ivyo tumenyereye kubona."
Benshi mu bagiye mu bitaro muri Afrika y'Epfo ntibari baricandagishije coronovirus nk'uko bivugwa n'igisata ca NICD.
Nta bukene bw'incanco buri mu gihugu, kandi prezida Ramaphosa yahamagariye abantu bose kwicandagisha, avuga ko ari bwo buryo bwonyene busigaye bwo kugwanya uwo mugera.
Abanya-Afrika y'Epfo bashika ku bice 24% ni bo bamaze guterwa incanco zose - baruta kure abarenga i 6% bamaze kubikora ku mugabane wa Afrika wose mu kwezi kwa cumi, ariko bakaba bari hasi cane y'ibiharuro vya vuba vyo ku mugabane wa Buraya aho abamaze gukingirwa bishika ku 54%.