Tigray: Urwikekwe no kwitanga mu gihe intambara iriko irakwiragira hose muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, AFP
Hageze mw'ijoro, mu micungararo y'umugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, abasivile barenga mirongo ibiri bariko barakizura mu mabarabara yaho mw'ijoro rimwe mu ndwi iheze, bahagarika bongera basaka imodoka n'indangamuntu.
Umugabo umwe ashaje bisa n'uko ari we arongoye ico gikorwa c'isaka yagize ati:"Abari muri kino gikorwa aha mu micungararo barashika 180. Turamaze gufata abantu benshi. Turamaze no gutora ibikoresha vyinsi biteye amakenga, harimwo inkoho n'ibintu biturika."
Abo bakorerabushake barondera abagwanyi b'aba Tigray n'ababashigikiye, hisunzwe itegeko nk'iryo ibihe vy'intambara ryashizweho na reta ya Ethiopia mu ntumbero yo guhangana n'ibitero vya gisirikare vy'aba Tigray.
Abatavuga rumwe na reta bavuga ko abantu ibihumbi n'ibihumbi bapfunzwe ata co bazira, ariko ko uruhigi rusa n'ugwakwiragiye mu gisagara hose.
Uwundi mugabo avugira kuri telefone ngendanwa, twagiye twumva avuga:"Nimunyaruke, ariko aragerageza kudutoroka."
Ku yandi mabarabara hirya, uwundi mugwi ugizwe ahanini n'abitanga ku bushake bakuze, bari biyegeranirije hamwe mu myimenyerezo, batambukira hamwe ari na ko bumviriza amategeko.
Hose mu gisagara bisa n'uko hatekanye.
N'aho Ubwongereza hamwe n'ibindi bihugu bagabishije umutekano ugenda "ugabanuka cane", mu gihe abagwanyi b'aba Tigray n'iyindi migwi bavuga ko bariko baregereza Addis, ubuserukizi bw'Uburusiya butanga ubutumwa butandukanye n'ubwo ku mbuga hwaniro.
Bwavuze ko "itegeko nk'iryo igihugu kiri mu ntambara ata kintu kinini ryahinduye ku buzima bwa misi yose ku mugwa mukuru wa Ethiopia."

Ahavuye isanamu, AFP
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, aherutse kumenyesha ko agiye ku rubuga rw'intambara kurongora ingabo ku rugamba.
Vedeo yashizwe ahabona na reta iramwerekana mu mpuzu za gisirikare akikijwe n'abasirikare, ari aahasa n'akarere ko mu bugaragwa ka Afar mu buraruko bw'umugwa mukuru Addis Ababa.
Muri iyo video umushikiranganji wa mbere agira ati:"Ubu twashoboye kwigarurira aka karere kose."
Abandanya avuga ati:"Ingabo z'igihugu zifise ishaka ridasanzwe. Tuzobandanya gushika Ethiopia ironse ukwishira n'ukwizana."
Umushikiranganji wa mbere yavuze ko ingabo ziwe ziri mu gikorwa co kwigarurira ibisagara vyinshi vyigaruriwe n'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF).
Ariko ivyo bivugwa biragoye guhinyuza mu gushika canke guhanahana inkuru ku turere tuberamwo iyo ntambara bigoye, no mu gihe hari itegeko rishasha ribuza kuvuga inkuru yerekeye aho igisirikare giteye canke "ibiriko birabera ku rubuga rw'intambara" reta itabitangiye uruhusha.

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi ba TPLF - baherutse kwerekana amasanamu y'indege itagira umudereva y'ibihumbi n'ibihumbi vy'impfungwa z'intambara za Ethiopia - bavuga ko babandanya gutera intambwe mu duce dutandukanye, inguvu nyinshi zikaba zashizwe ku gisagara ca Debre Birhan, kibonwa nk'ikibanza Ethiopia yiteguriye kugwanira kiri inyuma y'umugwa mukuru.
Ariko bamwe mu baraba ibintu n'ibindi bavuga ko ingabo za Tigray zishobora kurengerwa no kugabanuka inguvu mu gihe zogirwako mibitero n'igihe hoba ibitero vy'igihugu ibanyi ca Erythrea.
Abantu bari mu buzima 'bukomeye'
Utaravye uruhande ruriko ruratahukana intsinzi, biragaragara ko iyi ntambara iriko ikwiragira hose, ari na ko izana akaga ku banye Ethiopia.
Ishami rya Onu ritanga imfashanyo kw'si (WFP/PAM) ubu rigereranya ko abantu imiliyoni 9.4 bakeneye imfashanyo vyihuta.
Umutegetsi wa PAM ari Addis Ababa, Claire Neville yavuze ati:"Mu gihe intambara ariko irakwiragira hose mu buraruko bwa Ethiopia, tuguma tubona abantu benshi bagenda bongerekana baja mu buzima bubi cane."
Avuga ko "ibintu bitandukanye"ari vyo bituma badashikira abamerewe nabi, harimwo ibitero vy'abagwanyi b'aba Tigray, umutekano muke hamwe n'impusha z'abategetsi ba Ethiopia ziteba gutangwa.
Ariko PAM iherutse gushobora gushikira ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bo mu bisagara bibiri vyo muri Amhara vyigaruriwe n'abagwanyi b'aba Tigray.

Ahavuye isanamu, AFP
Intambara n''abahemu'
I Addis, umugambwe uri ku butegetsi wa Prosperity Party ubandanya gutunganya ibirori vyo gshimira abariko baritaba urugamba ku bushake bwabo.
Etisa Deme, umwe mu bagize akanama karongoye igisagara avuga ati:"Turi mu ntambara n'ibihemu vyo hagati mu gihugu n'abanyamahanga babasgikikiye."
Babush Sitotaw, umusore w'imyaka 22 yagize ati:"Naratewe akamo ko kuja kugwanira agateka k'igihugu canje. Urashobora kurira mu gihe umuryango wawe wishwe, ariko uja he mu gihe utakaje igihugu cawe? Ni co gituma nitegye gutanga ubuzima bwanje. Nta bwoba mfise ko gushika ubu ata myimenyerezo turaronka."
Umupfasoni w'imishatsi isa n'uruvuzo, Dinkinesh Nigatu, nawe yaje imbee aca ereka isinzi ry'abantu.
Yavuze ati:"Ndakunda igihugu canje. Nashaka kuja ku rugamba ariko yaba umuhungu wanje n'umugabo wanje bose bansavye kuguma muhira na bo bagende kungwanira."
Yabwiye BBC ati:"Naragize imyimeyerezo nk'umukorerabushake ubu ndakizura mu mabarabara mu gihe abahungu banje n'umugabo wanje bari ku musitari w'imbere muri iyo ntambara. Ahantu hose mbonye abantu mw'ibarabara, ndabahimiriza kuja kugwana. Ntidushobora kurindira gushika umwansi adusange kutwicira ngaha twese."
Umutegetsi wo mu mugambwe uri ku butegetsi Prosperity Party, Ayda Awol, yashize ku bitugu vya Dinkinesh Nigatu ukuboko, yagize ati:""Ni rurangiranwa. Itara rituboneshereza twese."
Ayda Awol yabandanije avuga ati:"Twiteze urwaruka rwinshi rukurikiza aka karorero. Ethiopia iri hamwe k buryo butari bwigere buboneka. Abarenga ibihumbi indwi (bava mu karere ka Arada ku mugwa mukuru) baramaze kwitaba akamo ku gushaka ko kuja kugwanira igihugu."

Ahavuye isanamu, AFP
Ivyagiriji 'vy'ubundi bukoloni bufatiye ku binyoma'
Reta ya Ethiopia yaridogeye isekeza ry'ibihugu vya Buraya n'ibimenyeshamakaru ryo kuvuga ukutariko n'ibigirankana intandaro y'iyo ntambara.
Ku mbuga hwaniro, abaye Ethiopia bariyamiriza ukugerageza kw'abakoloni kuvuga nabi gihugu cabo no kurenza rugero mu kuvuga intsinzi TPLF imaze kugira ku rugamba.
Umusesenguzi muri politike ya Ethiopia, Achamyeleh Ewunetu, avuga ko nawe atavuga rumwe na reta ya Ethiopia, ariko aharanira ubwigenge bw'igihugu ciwe yavuze ati:"Turi mu ntambara ku mpande zibiri. ububeshi bw'ubukoloni bushasha n'inkuru zitari zo zitangwa n'ibinyamakuru vy'i Buraa, harimwo BBC, hamwe n'intambara ya genocide yatangajwe na TPLF."
Reta ya Ethiopia yagumye yanka incuro nyinshi guha BBC ijambo.
Ariko reta yaranebagwe cane kubera ugucinyiza itangazamakuru ryo hagati mu gihugu na mpuzamakungu mu gukoresha amajambo akarishe no mu kubabuza gushikira inkuru.
Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yashimagijwe cane imbere y'uko haduka iyo ntambara kubera kurekura imfungwa za politike n'abamenyeshamakuru, aherutse kwagirizwa kugarukana icuka c'iterabwoba ku bamenyeshamakuru.
Muri ico gihe nyene, BBC yemeza ko ibandanya gutanga inkuru ata ho mu bwigenge, nyazo kandi ata ho zegamiye zo mu karere no kw'isi yose.








