Intambara hagati ya Ethiopia na Tigray: Kubera iki isi yose ifise impungenge

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyamabanga wa Reta zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken ari mu rugendo muri Kenya, aho yiteze kuganira n'abategetsi bayo ibijanye n'intambara yo mu gihugu kibanyi ca Ethiopia.
Amerika n'Ubwongereza vyaramaze gusaba abanyagihugu bavyo kuva muri Ethiopia kandi ko indege zo kubibafashamwo ziteguye, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.
Aka kamo, akamo kibutsa Kabul mu kw'umunani guheze, gatewe mu gihe inyeshamba zo mu ntara ya Tigray yo mu buraruko ziboneka ko zishobora kwinjira ku mugwa mukuru, Addis Ababa.
Inyuma y'umwaka wose iyi ntambara imaze, ikaba inateye ikibazo c'ibikorwa vy'ubutabazi, impungenge z'amakungu zigenda ziyongera cane.
Afrika na Amerika zibandanya zita ku rutare mu gihe ibiriko bibera muri Ethiopia bifise ingaruka zikomeye mu karere kose no mu bindi bice vy'isi.
Kubera iki iraje ishinga amakungu?
Ibiharuro vyonyene birateye ubwoba.
Abantu n'imiburiburi 400.000 mu buraruko bw'igihugu bahanzwe na kigoyi, mu gihe ibice 80% vy'imiti nkenerwa atayiriho, abantu barenga imiriyoni zibiri nabo bakaba barataye izabo.
Reta y'igihugu iragirizwa kubuza n'ibigirankana ko imfashanyo zishika mu ntara ya Tigray, ivyo yoyo ihakana.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hejuru y'ibi, hari ivyemezo vy'ubwicanyi ndengerabutungane, iyicarubozo n'ivyo gufata abagore ku nguvu vyagirizwa impande zompi.
Ariko kandi hari n'izindi nyungu zikomeye.
Ethiopia, igihugu giharurwamwo abantu imiriyoni 110 kikaba kiza ku mwanya ugira kabiri muri Afrika, gisanzwe ari incuti ikomeye y'ibihugu vyo mu burengero bw'isi muri ako karere karangwamwo umutekano ukunze guhungabana.
Hari amakenga ko iyi ntambara ishobora guteza umudugararo muri iki gihugu kirangwamwo amoko menshi ugashobora mbere no gutuma gisambuka. Bibaye ngombwa ko imiriyoni z'abantu zihunga mu gihe intambara zoba ndanse, ibihugu bibanyi bishobora kuhagirira ingorane.
Ethiopia ni igihugu kidafise umuhora ugishikana kw'ibahari, ikaba ihana urubibe n'ibihugu bitandatu, bibiri muri vyo birangwamwo umutekano muke - Sudani y'Epfo na Somalia - ikindi naco, Sudan, kikaba kivugwamwo coup d'Etat, aho igisirikare giherutse gutembagaza ubutegetsi.
Ifise abasirikare mu ngabo za Afrika zagiye kurwanya intagondwa ziyitirira idini rya Islam muri Somalia, aha rero hakaba hari ubwoba ko ishobora kubatahukana mu gihe vyoba nkenerwa.
Imbere y'uko ava muri uru rugendo, Blinken agabisha ko uyu mudugararo ushobora "guteza akaga gakomeye ku banyagihugu ba Ethiopia hamwe no mu karere kose".
Ingabo za Eritrea zisanzwe ziriko zirarwana muri Ethiopia, mu gihe rero iyi ntambara yobandanya n'ibindi bihugu bibanyi bishobora kwinjiramwo.
Ariko n'ibihugu vya kure navyo nyene biravugwa ko vyoba vyaramaze kwinjira muri yo.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu kwezi guheze, itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryavuze ko Turukiya yemeye guha Ethiopia za ndege za gisirikare zitagira abadereva, zizwi nka drones.
Ibi biteje impungenge ku migenderanire hagati ya Turukiya na Misiri isanzwe iri mu mpari na Ethiopia ku bijanye na rwa rugomero rwa rutura ruriko rurubakwa ku ruzi Nil, nk'uko Reuters ibivuga.
Ethiopia kandi imaze kugura ibirwanisho mu Bushinwa no muri Irani, aho indege ziva muri Reta Zunze Ubumwe z'Abarabu (Emirats Arabes Unis/United Arab Emirates) ari zo ziriko zirakoreshwa mu kubishikana mu gihugu, nk'uko bivugwa n'urubuga ngurukanabumenyi Oryx rusanzwe rutangaza amakuru ajanye n'ivyo kwivuna abansi.
Kuri Amerika, Ethiopia ni incuti ya kera yizigiwe cane, cane cane mu citwa Urugamba rwo kurwanya Iterabwoba.
Ethiopia iri mu ntambara n'intagondwa ziyitirira idini rya Islam muri Somalia, ikaba yaranemereye Amerika gukoresha ikirere cayo muri ya ntambara ya Irak.
Iri mu bihugu bike vya Afrika vyifatanije na Amerika mu runani mpuzamakungu rwari rurongowe na Amerika muri iyi ntambara ya Irak.
Ubutegetsi butajegajega muri Ethiopia bwagize uruhara runini muri ubu bucuti. Amerika irabushigikiza imfashanyo y'amafaranga, aho hagati y'imyaka ya 2016 na 2020 yabuhaye imiriyaridi 4.2 z'amadorari y'abanyamerika.
Ariko intumwa ya Amerika mu karere, Jeffrey Feltman, ntarya umunwa mu kunegura reta y'igihugu, akavuga ko poritike yayo yatumye igihugu giterwa n'inzara, akayigereranya n'ubutegetsi bwa Bashar al-Assad muri Syria.
Umugwa mukuru woba usugerejwe?
Inyuma y'aho abarwanyi b'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) bateye basugereza umugwa mukuru kw'ibarabara rikuru riva mu buraruko rija i Addis Abeba, icuka caraduze bikomeye.
Amerika yarateye akamo abanyagihugu bayo kuva muri Ethiopia, umushikiranganji wa mbere nawe, Abiy Ahmed, atangaza ibihe bidasanzwe, aca atera akamo ko abanyagihugu binjira mu gisirikare.
Abategetsi ba Addis Ababa basavye abanyagihugu kwandikisha ibirwanisho vyabo bakitegurira kurwanya inyeshamba.
Hari kandi uwundi muhari w'inyeshamba wishize hamwe na TPLF uriko usugereza umugwa mukuru.
Icuka kibi muri iki gisagara carunyuwe n'uko gituwemwo n'amoko menshi, mbere bamwe bakagiriza ubutegetsi ko butoteza abanya Tigray bahagarikwa agasakisaki.
Ariko abarwanyi ba Tigray baracari kure, ku birometero birenga 300 uvuye mu gisagara - mu micungararo y'igisagara ca Kombolcha.

Tibor Nagy yahoze ari icegera c'umunyamabanga wa reta ya Amerika muri Afrika, yabwiye BBC ati: "Ntabwo ari ba Batalibani bagenda bifatira ibisagara uko bashatse muri Afghanistani ata n'urusoro na rumwe rurashwe".
"Aho TPLF ikorera hari intambara zikomeye...Addis Ababa ishobora gusesekamwo amaraso ateye ubwoba".
Yemeza ko ivyo gufata umugwa mukuru biriko bikoreshwa mu gutera ubwoba co kimwe n'uko igihugu gifise ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara cogira mu gutera ubwoba ko kigomba kibirekure.
TPLF ivuga ko ico yipfuza ari ukwugurura inzira kugira ngo imfashanyo zishobore kwinjira muri Tigray.
Umuvugizi wayo, Getachew Reda, yabwiye ikiganiro Focus on Africa ca BBC ati: "Tuzobandanya urugamba [dusugereza Addis Ababa]… ariko ikituraje ishinga si Addis Abeba kuko dushaka kugondoza Abiy ngo yugurure inzira".
Reta ya Ethiopia yaramaze gutangaza TPLF nk'umuhari w'iterabwoba, umushikiranganji wa mbere nawe akaba yariyemeje kuyirwanya.
Mu ntango z'uku kwa mbere, Abiy yavuze ati: "Tuzohamba uyu mwansi n'amaraso n'amagufa yacu kugira ngo tugarukane icubahiro ca Ethiopia".
Hoba hari ibiganiro vy'amahoro biriko biraba?
Amakenga ni uko iyi ntambara iriko irafata iyindi ntera kandi bikazogenda bigorana ko hagira uruhande rwemera gusubira inyuma.
Hari kandi n'ubwoba ko iyi ntambara ishobora gukwira mu gihugu cose.
TPLF yarishize hamwe n'iyindi mirwi itari mike irwanya reta mu runani rushasha rurondera kurandurana n'imizi ubutegetsi bwa Abiy.
Intumwa y'Ubumwe bwa Afrika muri ako karere, Olusegun Obasanjo yahoze arongoye Nigeria, avuga ko hakiri "akadirisha gato k'amahirwe".
Amaze kuganira n'impande zompi mu rugendo aherukamwo muri Ethiopia, yabwiye inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ati: "Igihe ni gito ku mfashanyo iyo ari yo yose".
Atera akamo ko hoba ibiganiro vy'amahoro kugira ngo batorere umuti iyi ntambara bagatora inyishu biciye mu nzira y'amahoro, n'aho ataravuga ingene vyogenda.
Inyishu itangwa n'uwuserukira Ethiopia mw'ishirahamwe ONU irerekana ibibazo abahuza bashobora kugira. Avuga ko yubaha aka kamo ariko akabandanya avuga ko TPLF ari "umurwi w'inkozi z'ikibi".

Ahavuye isanamu, AFP
Aho nyene, umuvugizi wa TPLF, Getachew, wewe yanditse ku rubuga rwa Twitter ko "utwigoro hafi twose tw'amahoro" turondera kurokora [Umushikiranganji wa mbere] Abiy, aho kurondera gutorera umuti ibibazo nyamukuru vya poritike bihanze igihugu".
Ibi birumvikana ko ibiganiro vyo guhagarika intambara biri hagati y'impande zankana urunuka.
Nagy avuga ko imwe mu nzira yotuma impande zompi zicara zikaganira ari uko Amerika n'Ubushinwa vyompi, biri kumwe n'ibindi nka za Turukiya, vyokorera hamwe.
Ati: "Abiy ntashobobora guhangana na Amerika n'Ubushinwa mu gihe vyoba bivuga rumwe".
Avuga ko ikintu ca mbere ari ugukora kugira ngo intambara zihagarare hanyuma imfashanyo zigashikira abo zigenewe, hanyuma buke buke hagatorwa inzira za poritike.
None iyi ntambara ishingiye kuki?
Umuzi w'iyi ntambara ni ukutumvikana hagati y'umushikiranganji wa mbere Abiy na TPLF, umugambwe wamaze hafi imyaka 27 ari wo urongoye igihugu cose, atari Tigray gusa.
Umushikiranganji Abiy yashitse ku butegetsi mu 2018 inyuma y'imyiyerekano y'urutavanako yakozwe n'abo mu bwoko bw'aba Oromo.
Aba Oromo - ubwoko bunini gusumba ubundi bwose muri Ethiopia - bwumva ko bwari bumaze igihe kirekire bwarakumiriwe.
Abiy we nyene ubwiwe umu-Oromo kandi akaba ari mu runani rurongoye igihugu, yaboneka nk'umuntu ashobora gutorera umuti iki kibazo.
Mu rukurikirane rw'impinduka, aho yatanze uburenganzira bwa poritike mbere akagiriranira amasezerano y'amahoro na Eritrea inyuma y'imyaka itari mike ibi bihugu vyari bimaze birabana urunuka, TPLF yashizwe ku ruhande.
Icuka kibi cari hagati ya TPLF na Abiy cagiye kwadukamwo intambara mu mezi 12 aheze, igihe ingabo za Tigray zagirijwe ko zateye ibirindiro vy'igisirikare c'igihugu kugira ngo zinyage ibirwanisho, ariho reta y'igihugu nayo yaca yihora.











