Hari ubwoba ko Israel ishobora gusubira gutera ibigo vya nikyeyeri vya Iran

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Na Yolande Knell
- Igikorwa, BBC News, Tel Aviv
Mu mazi yo mu kiyaga Gitukura, ingabo zirwanira mu mazi za Israeli, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu na Bahrain, zakoreye hamwe imyimenyerezo ziri kumwe n'amato y'intambara ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ibintu bitari vyitezwe.
Iyi myimenyerezo yakurikiye iyindi yabereye ku kirindiro ca gisirikare ca Israel kiri mu bugaragwa, mu buraruko bwa Israel, mu gisagara kiri ku kivuko ca Eilat mu kwezi guheze, cahuriyemwo indege za gisirikare za Israel n'izo mu bindi bihugu indwi vyo mu karere.
Iyi myimenyerezo ifise intumbero yo gutanga ubutumwa bukomeye kuri Iran, inyuma y'aho nayo yaheruka gukora imyimenyerezo ya gisirikare ikomeye, inahimiriza ko ibindi bihugu vyoyifata mu mugongo.
Ariko ibi bibaye mu gihe abatari bake muri Israel bafise ubwoba ko aka gahugu gato mu misi iri imbere bishobora kuba ngombwa ko gafata ingingo yo gutera ibigo vya nikleyeri, ni ukuvuga ibigo vyimbura ubutare bw'ubumara.
Reta yateguye amafaranga angana n'umuriyaridi umwe n'igice w'amadorari y'abanyamerika ($1.5) yo gutegura ingabo za Israel mu gitero citezwe ku bigo vya nikleyeri vya Iran, mu gihe hafi imisi yose abategetsi ba poritike na gisirikare bama bariko baragabisha.


BBC imaze igihe irondera ico abakurikiranira hagufi ibibera muri Irani bavuga ku bishobora kuba.
Umutegetsi wa gisirikare yabwiye BBC ati: "Nta nyungu Israel ifise mu ntambara na Iran, ariko ntidushobora kwemerera ko Iran ihingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
"Dufatiye ku biriko birakorwa na Iran mu mugambi wayo wa nikleyeri, turiko turitegura gukoresha uburyo bwose bushoboka, harimwo n'uburyo bwa gisirikare".
Aya majambo akomeye avuzwe mu gihe ibiganiro hagati ya Iran n'ibihugu vya rutura bitanu (na Amerika naho itigaragaza) mu ntumbero yo kunagura amasezerano yo mu 2015 yerekeye umugambi wa nikleyeri - uzwi nka Accord de Vienne sur le nucléaire iranien/Joint Comprehensive Plan of Action (JCPOA) - vyitezwe gusubira gutangura ku mugwa mukuru wa Autriche, Vienne, ku wa 29 z'uku kwa cumi na rimwe.
Aya masezerano ya JCPOA yahagaritse ibikorwa vya nikleyeri vya Irani yongera arugurura imiryango y'ibigo vyayo kugira ngo abahinga mpuzamakungu babikurikirane, hanyuma nayo yemererwa gutezurirwa ibihano mpuzamakungu yafatiwe.
Hagati aho, mu 2018 Perezida Donald Trump yarivumbuye muri aya masezerano, ingingo yashigikiwe na Israel.

Ahavuye isanamu, EPA
Hamaze gutangazwa itariki yo gutangura ibi biganiro bishasha, Iran yaciye itangaza ko yashoboye kwimbura kilogaramu 25 z'ubutare buri ku rugero rwa 60% rwa uranium - urugero ruri hasi y'urukenewe kugira ngo hahingurwe ikirwanisho c'ubumara - hamwe n'ubundi burenga kilogaramu 210 buri ku rugero rwa 20%.
N'aho Tehran ibandanya ishimangira ko umugambi wayo ufise intumbero y'amahoro, n'abahinga ba Iran baremeza ko uru rugero rwa uranium rwari rufiswe n'ibihugu ubu bisigaye bifise ibirwanisho vy'ubumara.
Umutegetsi wa gisirikare wa Israel avuga ati: "Abanye-Iran uno musi bari hafi yo guhingura igikoresho kizobashoboza gukora ibirwanisho vy'ubumara gusumba uko bari bameze kera. Ibi bifise ingaruka zikomeye ku gihugu ca Israel".
Abategetsi ba gisirikare ba Israel babona ko ingendo yafashwe na Iran ishobora kuyituma yimbura uranium ikwiye yo guhingura ikirwanisho c'ubumara kimwe mu kwezi kumwe.

Ikibazo ca nikleyeri ca Iran mu majambo make
- Ibihugu vya rutura ntivyizigiye Iran: Ibihugu bimwe bibona ko Iran ishaka ubushobozi bwa nikleyeri kubera irondera guhingura ibombe y'ubumara - ibi irabihakana.
- Rero habaye amasezerano: mu 2015, Iran n'ibihugu bitandatu vyashitse ku masezeranio akomeye. Iran yategerezwa guhagarika ibikorwa bimwe bimwe vyo kwimbura ubutare bw'ubumara hanyuma nayo igakurwako ibihano bibangamiye ubutunzi bwayo.
- None ubu hari ikibazo nyabaki? Iran yasubiriye ibikorwa vyayo vyo kwimbura ubutare bw'ubumara inyuma y'aho Perezida Donald Trump wa Amerika yivumburiye muri aya masezerano aca asubizaho ibihano Iran yari yatezuriwe. N'aho umukuru w'igihugu mushasha Joe Biden yipfuza gusubira muri aya masezerano, impande zompi ziguma zivuga ko urundi ruhande ari rwo rubanza gukora ivyo rutegerezwa gukora.

Gukora ikirwanisho nk'iki bishobora gusaba ko hahingurwa igisasu gishobora kwambikwa kuri misire irasa kure. Ibi biragoye kumenya igihe vyofata, ariko abahinga bavuga ko bishobora gufata amezi hagati ya 18 na 24.
Israel, igihugu naco nyene gifise ibirwanisho vy'ubumara ariko cafashe ingingo yo kubinyegeza, ibona ko mu gihe Iran yotunga ikirwanisho c'ubumara koba ari akaga kuri yo.
Ibi bitumwa n'uko Iran itemera ko igihugu ca Israel gikwiye kubaho nk'igihugu, kandi ikavuga ko impera n'imperuka kizofudika.
Mu gihe Amerika n'ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu biherutse kwunga ubumwe na Israel bitera ivyatsi umugambi wa Iran wo gutunga ibirwanisho vy'ubumara, ntacobuza ko navyo nyene bifasha mu gihe hoba intambara.
Umwanya uriko uragenda
Uwahoze ari umuhanuzi wa Israel mu bijanye n'umutekano Yaakov Amidror, ubu asanzwe ari umwigisha kw'ishure kaminuza Jerusalem Institute for Strategy and Security, yatanguye kugabisha ku mugambi mubi Iran yari ifise yo gutunga ibirwanisho vy'ubumara mu myaka ya 1990, igihe yakora mu gisata ca gisirikare kijejwe igendereza.
Abona ko aho ibintu bigeze vyarenze urugero.
Ati: "Israel ntishobora kurera amaboko mu gihe ibona ko abanya-Iran batera begereza umugambi wo guhingura iki kibombe, kandi vuba irafata ingingo yo kuwuhagarika".
"Nta yindi nzira mbona vyokorwamwo uretse kuyitera amabombe, kuko simbona ko abanya Iran bashobora gusubira inyuma kuri iyi ndoto yabo yo guhingura ibirwanisho vy'ubumara, ibi bikaba bishobora gutuma ubugome bwabo bwiyongera gusumba uko bari ubu".
Israel iramaze gutera incuro zibiri ari yonyene ibigo vya nikleyeri vy'abansi bayo - muri Irak mu 1981, hamwe no muri Syria mu 2007 - kandi ni nk'uko itasubirijwe mu ndumane ku rugero ruteye ubwoba.
Ariko benshi mu bihweza ibintu n'ibindi baribaza nimba koko Israel yoba ifise ubushobozi bwo gutegura igitero gikomeye coshobora guhagarika burundu umugambi wa nikleyeri wa Iran usanzwe ugeze kure, umugambi urimwo n'ibigo bimwe vyubatse mu kuzimu, hamwe n'uburyo iki gitero coyitwara.
Amidror ati: "Bose muri Israel baratahura ko igitero gishobora gutuma haba intambara igoye cane".
Iran ivuga ko yotegerezwa "kwivuna bikomeye" mu gihe hoba iki gitero. Hari ababona ko yoca yikora ku gisirikare cayo n'imirwi yayo ya gisirikare isanzwe igenzura ikwiragiye mu karere kose kandi ifise ibirwanisho bikomeye.
Muri iyi mirwi harimwo Hezbollah muri Liban, umuhari usanzwe ufise ibirokte biharurwa mu bihumbi mirongo, Shia wo muri Syriana Irak, inyeshamba z'aba Houthi muri Yemen, hamwe n'abarwanyi bagendera ku vyiyumviro vya Islam mu karere ka Gaza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
N'aho hoba inkurikizi mbi, hari bamwe muri Israel babona ko igitero coba nkenerwa, n'aho ico cokora gusa ari uguhagarika uwu mugambi wa nikleyeri wa Iran mu kiringo c'imyaka mikeya.
Ariko igishirwa imbere ni ibiganiro vy'amahoro, bagatora inyishu biciye mu mwumvikano.
Sima Shine yigeze kurongora igisata kijejwe ubushakashatsi mu gisata kijejwe igendereza Mossad, avuga ati: "Nibaza ko inzira z'ibiganiro zizoshika ku kintu, ariko sindabiha amahirwe manini ubu".
Ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden wa Amerika bwasavye Iran ko ibihugu vyompi vyosubira mu masezerano ya JCPOA, ariko reta ya Israel yoyo ntavyo ishigikiye.
Aya masezerano akuraho inzitizi zitari nke ku mugambi wa nikleyeri wa Iran kuva mu 2015 kandi ntabuza umugambi wa Iran wo guhingura ibisasu vya misire birasa kure, canke ngo ayibuze gushigikira imirwi y'abarwanyi bakwiragiye mu karere kose.
Umupfasoni Shine ati: "Jewe uko ndabibona, ni uko Irani itarota ihagarika umugambi wayo".
"Bobo ico barondera ubu ni ugutezurirwa ibihano kandi barazi ko ari ngombwa ko hagira ico batanze kugira ngo ibi bikunde. Ikibazo aho kiri ni ukumenya integuro ya Iran - ubutunzi bwayo bwoba bukeneye ubutabazi ku rugero rungana gute?"
Ubwoba afise ni uko muri ibi biganiro Iran yoharonkera umwanya ahubwo wo kubandanya yongereza urugero rw'ubutare bwa Uranium.
Ibikorwa vyo mu kinyegero
Iyindi nzobere kuri Iran, Alex Vatanka wo mu kigo Middle East Institute i Washington, ahagarara cane ku kuntu Tehran itsimbataye cane ku mugambi wayo wa nikleyeri.
Ariko, n'ubwo Iran yinuba Abanyabulaya na Amerika, Vatanka abona ko ishaka kugaruka muri aya masezerano ya 2015 kugira ngo itezurirwe ibihano, akabona ko ivyo iheruka gukora no gusaba ari ukurondera ko "igaruka ifise inguvu".

Ahavuye isanamu, EPA
Vatanka yibaza ko Iran itarondera vyanse bikunze ibirwanisho vy'ubumara.
Abona ko yipfuza kwereka Amerika ko ihinduka y'ubutegetsi yipfuza ridashoboka.
Umugambi wa Israel wo gukora igitero ntawubona neza, kubw'iwe, ahubwo ibitero vyo mu kinyegero bifise kugira akamaro mu gusubiza inyuma umugambi wa nikleyeri wa Iran.
Vatanka ati: "Barerekanye ko bashobora kubikora. Iran yaramaze kwinjiranwa ku rwego rwo hejuru. Nta makuru n'amwe ishobora kunyegeza".
Mu myaka cumi iheze, hari amakuru yavuga ko Amerika na Israel bishobora gukorana mu gutegura ibitero nyabwonko harimwo gukoresha umugera wa Stuxnet mu guhungabanya umugambi wa nikleyeri wa Iran.
Ubu bwa vuga, Iran yaragirije Israel ko ari yo yagandaguye bunyamaswa umuhinga wayo mu vya nikleyeri, Mohsen Fakhrizadeh, yishwe arashwe hari ya Tehran hakoreshejwe inkoho ikoreshwa na telecommande, ikongera igatera ibibombe ku bigo vyayo vya nikleyeri.

Ahavuye isanamu, Reuters
Nka kimwe mu bigize ico yita "intambara imwe mu zindi", Israel iramaze gukora ibitero vya gisirikare biharurwa mu majana muri Syria kugira ngo ibuze abanya Iran gushinga imizi muri ico gihugu, hamwe n'umuhari Hezbollah.
Ubwoba ko ibirwanisho bishobora kurwirirana mu karere
N'aho hari vyinshi abahinga badahuriyeko ku bishobora gukurikira mu nyuma, bose barahurira ku ciyumviro c'uko ibiganiro vyimirije ku mugambi wa nikleyeri wa Iran bije mu gihe nyaco kandi ko bishobora gutuma ibintu bitayangara muri aka karere.
Mu gihe Iran yoramuka ikoze ibirwanisho vy'ubumara, ibindi bihugu vya rutura vyo mu karere - Arabia Saudite, Turukiya na Misiri - na vyo nyene biboneka ko vyoca bikurikira.
Washington ivuga ko ishaka kurangiza "intambara zidahera" mu karere k'uburasirazuiba bwo hagati. Ariko iragabisha ko ishobora gukoresha "ubundi buryo" ku kibazo ca Iran.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa

Mu buryo bwo kwerekana ico ishobora gukora, igihe imyimenyerezo y'indege za gisirikare irangira muri Israel, indege y'intambara ya Amerika ishobora kwikorera ikibombe rutura gishobora gusambura ibigo vya nikleyeri biri mu kuzimu yarazungurutse ikirere ca Israel iherekejwe n'indege z'intambara za Israel.
Abahinga basigura ko iki kintu cerekana ko ibikorwa bikomeye vyo kwitegurira igitero kuri Iran bishobora kuba ahubwo inzira nyayo yotuma kitaba.











