Iran: UN ivuga ko iki gihugu kigiye kwongereza urugero rwa Uranium gushika kuri 20%

Irani yatanguye kwongereza urugero rw'ubutare bwa uranium ihingura inyuma y'aho Amerika yivumbuye mu masezerano ya 2015

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Irani yatanguye kwongereza urugero rw'ubutare bwa uranium ihingura inyuma y'aho Amerika yivumbuye mu masezerano ya 2015

Irani itegura gutangura kwongereza ubutare bwa uranium ihingura gushika ku rugero rwa 20%, nk'uko bivugwa n'igisata ca ONU kijejwe gucungera ubutare bw'ubumara, iri rikaba ari ihonyangwa rikomeye ry'amasezerano yayo n'ishirahamwe ONU ajanye n'ubutare bw'ubumara gushika ubu.

Ariko uru rugero ruri hasi cane y'urwa 90% rukenewe kugira ngo ishobore gukora ikibombe c'ubumara. Hagati aho, mu masezerano yo mu 2015, Irani ntiyategerezwa kurenza urugero rwa 4% rwa uranium yemerewe guhingura.

Irani yatanguye guhonyanga aya masezerano igihe Perezida Donald Trump akura igihugu ciwe muri aya masezerano agasubizaho ibihano vyari vyafatiwe Irani.

Ariko Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya hamwe n'Ubushinwa vyose vyizeye ko aya masezerano ashobora gusubira kuvyurwa.

Irani itegura iki neza na neza?

Ikigo mpuzamakungu kijejwe kugenzura ihingurwa ry'ubutare bw'ubumara (IAEA) kivuga ko Irani yamaze kukimenyesha umugambi wayo wo kwongereza urugero rw'ubu butare gushika kuri uru rugero rwa 20% ku kigo cayo ca Fordow, kiri hagati mu musozi.

Ariko iki kigo kimenyesha ko: "Urwandiko rwa Irani ruterekana neza igihe ibi bikorwa bizotangurira".

Mu 2019, Irani yararenze ku ngingo yo muri ayo masezerano yayitegeka kutarenza urugero rwa 3.67% , rukaba rutigeze rurenga ku bice 4.5% kuva ico gihe.

Hagati ato, mu kwezi guheze, inama nshingamateka ya Irani yaremeje integuro y'itegeko yo kwongereza ubu butare gushika ku rugero rwa 20%, ingingo yafashe inyuma y'aho umuhinga wayo mu bijanye n'uguhingura ubutare bw'ubumara, Mohsen Fakhrizadeh, agandaguriwe.

Iyi nteguro yasaba reta ya Irani gutangura kwongereza urugero rw'ubutare bwa uranium gushika kuri 20% mu gihe ibihano vy'ubutunzi iki gihugu cafatiwe bitoba vyakuweho mu kiringo c'amezi abiri.

Yategeka kandi kudasubira kwemerera abagenduzi ba ONU gushika ku bigo bihingura ubutare bw'ubumara vya Natanz na Fordow.

Kubera ik iari ngombwa kugabanya urugero rwa uranium?

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko mu gihe Irani yokwongereza urugero rw'ubu utare bishobora gutuma ironka ubushobozi bwo gukora ibombe y'ubumara mu mwanya muto.

Irani ibandanya ishimangira ko umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara ata nabi ufise.

Hagati aho, Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya, Amerika hamwe n'ishirahamwe ONU, vyafatiye ibihano iki gihugu mu 2010 vyiketse ko cariko kirakora ibombe y'ubumara.

Amasezeano yo mu 2015 yateweko igikumu n'Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya, Ubwongereza hamwe na Amerika yari afise intumbro yo guhagarika uwu mugambi maze Irani nayo igatezurirwa ibihano yafatiwe.

Perezida Trump yarivumbuye muri aya masezerano mu kwa gatanu 2018 avuga ko "yataye igihe kndi yaboze".

Ariko umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden avuga ko azosubiza Amerika muri aya masezerano yari yashitsweko na Perezida Barack Obama, yongere akureho ivyo bihano mu gihe Irani yokwemera "gukurikiza ata guhigimanga ibiri muri yo".

Ku ruhande rwayo, Irani ivuga ko yiteguye gukurikiza ibiri muro ayo masezerano mu gihe Amerika nayo yokwiyemeza kuyashira mu ngiro.