Irani itangaza ko igiye kwongereza ubutare bwa Uranium bw’uguhingura ibirwanisho

Ahavuye isanamu, EPA
Irani yatangaje ko igiye kurenga urugero yemerewe rw'uguhingura ubutare bwa uranium, mu masezerano yashizweko igikumu mu mwaka wa 2015 mu ntumbero y'uguhagarika umugambi waco w'ugukora ibirwanisho vy'ubumara.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere, Abbas Araqchi, avuga ko Irani gushika ubu yipfuza kubandanya ayo masezerano, ariko akagiriza ibihugu vy'Ubulayi ko bidashaka gukurikiza ivyo vyiyemeje.
Leta zunze Ubumwe za Amerika zarivumbuye muri ayo masezerano mu mwaka uheze wa 2018.
Kuva ico gihe yarongereje ibihano ku gihugu ca Irani, vyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco.
Avuga ku vyo cari gihejeje gushikiriza, umunyamabanga wa leta Mike Pompeo avuga ko ivyo bizotuma hafatwa ibindi bihano bizotuma Irani ishirwa ku ruhande gusumba.
Mu kwezi kwa gatanu, Irani yari yatangaje ko izokwongereza ubutare bwa Uranium, bushobora gutuma ikora umuyagankuba, igashobora n'ugukora ibirwanisho.
Hagati aho, Irani ibandanya ihakana yivuye inyuma ko ata mugambi ifise wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.
Irani ivuga iki?
Mu gihe yariko yibuka umwaka uhaciye Amerika yiyonjoroye muri ayo masezerano, Irani yari yahaye ikiringo ntarengwa c'iminsi 60 ibihugu bikiri muri ayo masezerano, arivyo Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya hamwe n'Ubwongereza, ko vyobuza Amerika kuyifatira ibihano.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa Mungu igihe ico kiringo cari kirangiye, Bwana Araqchi yamenyesheje ko Irani yari gutangura kwongereza ubwo butare mu masaha makeya.

Ahavuye isanamu, EPA
None ibindi bihugu bibivugako iki?
Aciye ku rubuga rwa Twitter, umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, yashimangiye ko Amerika idashigikiye na gato uwo mugambi wa Irani.
Ibihugu vy'Ubulayi bivuga ko vyari bigize iminsi biganira ku cokurikira.
Ubudagi buvuga ko "butewe umutima uhagaze" n'uwo mugambi, bugasaba Irani ko yokwirinda ico ari co cose cotuma ayo masezerano agira ingorane.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire w'Ubwongereza avuga ko igihugu ciwe "kikiri mu masezerano" n'aho Irani yoyo yamaze kurenga ku masezerano.
Ubwongereza busaba Irani ko yohagarika ivyo bikorwa vyayo, kandi ko buriko bwigira hamwe n'ibindi bihugu vyateye umukono kuri ayo masezerano icokorwa.
Irani yatangaje ivyo umunsi umwe inyuma y'aho Prezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa abonaniye na Prezida Hassan Rouhani wa Irani, amubwira ko "afise amakenga menshi" ku vyoshika mu gihe ayo masezerano yohagarikwa.
Itangazo ryasohowe n'Ubufaransa rivuga ko abo bategetsi bompi bumvikanye ko "imbere y'igenekerezo rya 15 z'uku kwezi kw'indwi hokwigwa ingene ibiganiro vyosubira gutangura hagati y'impande zompi".










