Imigumuko ya Capitol: Umunywanyi wa Trump yiyita 'QAnon Shaman' yaciriwe umunyororo w'amezi 41

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwe mu bantu bamenyekanye cane muri ca gitero c'abanywanyi ba Donald Trump ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka yaciriwe umunyororo w'amezi 41 ku ruhara rwiwe muri iyo migumuko.
Jacob Anthony Chansley yari umwe mu banywanyi ba Trump bagerageje kuburizamwo igikorwa c'inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika co kwemeza ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020, hari ku wa 06 z'ukwa mbere.
Imbere y'aho yari yemeye icaha kimwe co gutoba ibikorwa vy'igihugu.
Igihano ciwe kiri mu bihano bikomeye gushika ubu bimaze gutangwa ku vyerekeranye n'iyi migumuko.
Hampande y'iki gihano co gupfungwa, Chansley yahawe kandi n'igihano co kumara amezi 36 acungishijwe ijisho kandi akazotegerezwa kuriha ihadabu y'amadorari 100 y'abanyamerika.
Uyu mugabo w'imyaka 34 yabaye umwe mu bantu bamenyekanye cane mu bakoze ico gitero inyuma y'aho afotorewe yambaye amahembe n'igihuzu c'ubwoya ku mutwe, yisize n'amabara y'ibendera rya Amerika. We yiyise umu "QAnon Shaman".
Abagendera ku kwemera kwa QAnon bemeza ko uwahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yari mu ntambara n'abakozi ba shetani/satani bari muri reta, mu bikorera utwabo hamwe no mu binyamakuru basambanya abana.
Amaze guhagarikwa, Chansley yabwiye ibiro bijejwe igendereza muri Amerika FBI ko mu kwa mbere yari yaje i Washington DC "ku busabe bw'umukuru w'igihugu yari yateye akamo" ko abo bose "bakunda igihugu" bategerezwa kuza mu gisagara.
Muri sentare ejo ku wa gatatu, Chansley yavuze ko yipfuza "gutera intambwe" kandi ko yakoze "amakosa mu kwinjira muri Capitol". Ati: "Nta rwitwazo na rumwe mfise".
Avuga ko yama yibaza ati : "Mbe burya Yezu/Yesu yari gukora iki?", hanyuma yigereranya n'uwarwaniye ukwikukira kw'Ubuhindi Mahatma Gandhi, mu kuvuga ati: "None vyari kugenda gute iyo twese ducira urubanza Gandhi ngo n'uko yakubise umugore imbere y'uko Mutima Mweranda amuzako?"
Amaze hafi amezi 11 apfunzwe kuva afashwe inyuma y'imisi mike iyo migumuko ibaye.
Amasanamu n'amareresi yafashwe muri iyo migumuko yerekana Chansley afise icumu muri Capitol. Abashikirizamanza bavuga kandi ko ari we yarongoye abandi bari mu myiyerekano mu gisabisho bavugiye muri Capitol, anasiga ubutumwa bwo gutera ubwoba uwari icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence.
Ubwo butumwa buvuga buti: "Ni ikibazo c'umwanya gusa. Ubutungane buraje".
Abashikirizamanza bari bamusabiye umunyororo w'amezi 51 bashingiye ku buremere bw'inyifato yiwe.
Bati: "Imvugo yiwe imbere n'inyuma y'iyi migumuko, hamwe n'inguvu asa n'uwari afise zo gukuraho ku nguvu abo yita 'ibihemu' muri reta yacu, ni ivyemezo bihagije muri uru rubanza".
Ubu, Chansley avuga ko yavavanuye na Trump hamwe na QAnon.
Mu kw'icenda, uwumuburanira yabwiye sentare ko umukiriya wiwe atari umugumutsi, ko ari umunyamahoro kandi ko ico gihe yari afise ibibazo vyo mu mutwe.
Umunyororo w'amezi 41 ni umwe mu bihano birebire bihawe abagiriwe n'ivyaha vyo kugira uruhara mu migumuko yo ku wa 06 z'ukwa mbere.
Hari n'uwundi, Scott Fairlam yahoze akina inkino zo kurwana (art martial/martial art), na we nyene yaciriwe umunyororo w'amezi 41 mu ntango z'uku kw'icumi na rimwe ku caha co gukubita umupolisi no gutoba igikorwa c'igihugu.











