US: Aba Democrats ba Texas bahunze iyi ntara kugira bahagarike itegeko ryo gutora ry'aba Republicans

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashingamateka b'umugambwe uharanira Demokarasi (Democrats) mu nama nshingamateka y'intara ya Texas bavuye muri iyo ntara mu kivunga mu kigoro ko kubuza abo mu mugambwe w'Abarebubulika kwemeza itegeko rikumira abantu mu matora muri iyo ntara.
Iyi ngingo izohagarika mu mwanya muto ibikorwa vy'inama nshingamateka y'iyo ntara, mu gihe hasabwa n'imiburiburi bibiri vya bitatu vy'abashingamateka kugira ngo habe amatora.
Ejo ku wa mbere, abashingamateka n'imiburiburi 50 b'aba Democrats binjiye mu ndege zibiri zibavana i Austin zibajana i Washington DC.
Iyi ngingo ije mu gihe hari igihuhusi co gushiraho amategeko akumira mu ntara zirongowe n'Abarepubulikani.
Amatora ya mbere akomeye kuri iri tegeko rikumira ryateguwe n'Abarepubulikani bo muri Texas yari yitezwe mu mpera z'iyi ndwi.
Aba bashingamateka b'iyi ntara bayihunze inyuma y'umutaga ku wa mbere - nibwo bwa mbere kuva mu 2003 aho Abademokrate bavuye muri Texas kugira habure igitigiri gisabwa.
Mu gihe bavugana n'abamenyeshamakuru bashitse i Washington DC, aba ba Demokrate bo muri Texas bavuze ko badashobora gusubirayo ikiringo c'iri koraniro ryabo ridasanzwe ry'imisi 30 kitarangiye mu kwezi kuza.
Mw'itangazo yasohoye, umukuru w'Abademokrate muri Texas Chris Turner yavuze ati: "Ubu tugiye kurwanira urugamba rwacu ku ngoro y'amakoraniro y'igihugu (Capitol). Ntaco tubereyeho muri Texas".
Aba bashingamateka bakoze ibi mu gihe bazi ko bashobora gufatwa. Mu mategeko ya Texas, abashingamateka bivumbuye barashobora gutegekwa gusubira ku mugwa mukuru w'iyo ntara, Austin.
Avuga kuri uku kwivumbura, umukuru w'inama nshingamateka ya Texas Dade Phelan, umu Repubulikani, yasohoye itangazo aho avuga ko inama nshingamateka izokoresha "uburyo bwose bushoboka" kugira ngo yuzuze igitigiri gisabwa.
Mu gukora ibi, aba Democrats bizeye ko bazoshobora gutera igitsure abashingamateka i Washington hamwe na Perezida Joe Biden asanzwe ahanganye n'abaharanira uburenganzira bwa muntu bamusaba gukora gusumba ku rwego rw'igihugu kugira akingire uburenganzira bwo gutora.
Kuri uyu wa kabiri, vyitezwe ko Perezida Biden, umu Democrat, ashikiriza ijambo rikomeye kuri iki kibazo muri Philadelphia.
Bubaye ubwa kabiri mu ndwi zitandatu Abademokrate ba Texas bivumbuye mu mayeri yo kudindiza ibikorwa.
Mu kwa gatanu, Abademokrate bo muri iyo reta barivumbuye barasohoka ingoro y'amakoraniro y'iyo reta hasigaye amasaha make ngo ikoraniro ry'inama nshingamateka rirangire.
Niho buramatari w'iyo reta Greg Abbott, umu Repubulikani, yaca atumako iri koraniro ridasanzwe ry'imisi 30.
Ariko kubera aba Repubulikani ari bo nyarwinshi mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, amahirwe y'Abademokrate ari ku rushi, mu gihe bobandanya kuguma hanze y'iyo reta gushika ikiringo c'iri koraniro kirangire, Buramatari Abbott arashobora gutumako irindi.

Ingingo yo guta wakuba ataco ishobora gushikako
Umwihwezo wa Anthony Zurcher
Abademokrate bo mu ntara ya Texas basubiriye kugerageza kubuza Abarepubulikani b'iyo reta kwemeza amabwiriza mashasha akumira mu matora - iyo bariko baraja harasobanura intumbero nyayo yabo.
Kuri bo, uru rugamba bazorutsindira canke barutsindirwe i Washington DC - aho Abademokrate biganje - ariko atari muri Texas, aho aba Repubulika aribo bavuga rikijana.
Uretse ko inama nshingamateka ku rwego rw'igihugu ishobora kwanka impinduka mw'itegeko rigenga amatora muri Texas, ishobora kandi kuzibira amategeko yemejwe muri Georgia, Arizona, no mu yandi mareta asanzwe ari urubuga rukomeye mu matora y'umukuru w'igihugu.
Hari amakenga ku ruhande rw'abigenga ko ubutegetsi bwa Biden bufata minenerwe ingorane aya mategeko agenga amatora ashobora gutera abakandida b'Abademokrate ku rwego rw'igihugu mu matora yimirije - kandi ko butariko burerekana ishaka gufata ingingo ruhasha mu gukorana n'inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira hafatwe ayandi mategeko mashasha yo ku rwego rw'igihugu.
Hari abashimira Abademokrate ba Texas ku kungene berekanye izo mpinduka ziriko zirakorwa kw'itegeko rigenga amatora - Ariko kandi hari n'abandi babanegura kubona batubahirije ivyo biyemeje no gutesha agaciro utwigoro turiko dukorwa n'abatowe muri reta yabo.
Hagati aho, ingingo bafashe ni uguta wakuba. Iboneka ko ari iyo gusa gutevya ikintu gitegerezwa kuzoba muri Texas, kandi ni ingingo iboneka ko ifise amahirwe make cane yo kugira ico ishitseko i Washington, aho inkehwa z'Abarepubulikani mu nama nkenguzamateka bobo bafise uburyo bwose bwo kuburizamwo integuro z'Abademokrate gusumba guhunga igisagara.












