Intambara ya Ethiopia ishobora kugira ingaruka mu karere kose

Intwazangabo irongoye ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k'ihembe rya Afrika avuga ko ibiriko biraba muri Ethiopia bishobora kugira ingaruka mbi ku mutekano ma karere kose.
Mu kiganiro yagiranye na BBC, Jenerali William Zana yibutsa ko Ethiopia ifise ingabo mu gihugu kibanyi ca Somalia zagiye gushigikira reta.
Ati: "Mu gihe Ethiopia igize ibibazo um gihugu, ibi bisigura ko ingabo ziri muri Somalia zica zitahukanwa, ibi navyo bikagira ingaruka ku bindi bihugu bitanu vyo um karere ka Afrika y'Ubuseruko, hanyuma no muri Somalia naho ugasanga imirwi y'intagondwa iciye ironka akaryo ko kwisuganya kugira ihungabanye umutekano".
Nayo ku bijanye n'uko umugwa mukuru wa Ethiopia Addis Abeba, ushobora kwigarurirwa n'inyeshamba za TPLF, Jenerali Zana avuga ko ibi bishobora gutuma iki gihugu cinjira mu makuba atagira izina.
Avuga ko ingabo za Amerika ziri muri Djibuti ziteguye guhungisha abanyagihugu ba Amerika mu gihe ibintu vyoyangara.
Arerekana kandi impungenge z'uko Misiri nayo ishobora gutegura ikikogrwa ca gisirikare kugira isambure rwa rugomero rutura rwa Ethiopia Grand Renaissance Dam, mu gihe ibintu bibandanya biyangara mu bijanye n'umutekano muri Ethiopia.
Mu gihe inyeshamba za Tigray zisugereje umugwa mukuru Addis Abeba, ibihugu bimwe vyamaze gusaba abanyagihugu bavyo gukura akarenge.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko igihugu gishobora kwinjira mu ntambara mu gihugu cose mu gihe ugutana mu mitwe hagati y'ingabo za Reta n'inyeshamba za TPLF zitohagarara.











