Umusi w'abapfuye : Pomuch, ikigwati ca Mexique bazura abapfuye kugira boze amagufa yabo

Crâne dans le cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

    • Umwanditsi, Marcos González Díaz
    • Igikorwa, BBC News Mundo. Hecelchakán, México

Amwe mu masanamu ari muri ino nkuru ashobora guhungabanya bamwe mu basomyi.

Winjiye ubwa mbere mw'itongo ry'abapfuye rya Pomuch, urashobora kwumva ikinya mbere ukagira n'ubwoba bwo kwibaza ko ubuhanga mirongo buguhanze amaso.

Mu minota itanu ya mbere winjiye, ushobora gusangayo umuntu anyuragirana mu ruvangatirane rw'utuyira dutoduto muri iryo tongo, ariko nawe nyene yiyubara cane kugira ngo ntahave akorakora, canke ngo ahave akororera hasi atanabishaka, agasandugu na kamwe karimwo amagufa y'abapfuye.

Ibi bimeze uku kubera muri ico gisagara co mu ntara ya Campeche, iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mexique, ibisigarira vy'amagufa y'abapfuye biguma mu masandugu, yuguruye, aho ashinguwe mu ruhapfu.

Rero, ni muri ico kiringo c'umwaka, imisi mike imbere y'umusi wahariwe abapfuye, abanyagihugu baca bakora uwo mugirwa uteye amatsiko ingenzi zitari nke: kwoza amagufa y'ababo.

Uyu mugirwa uzwi mu migenzo ya maya kw'izina rya Choo Ba'ak, umaze imyaka n'imiburiburi 150 ukorwa muri ako karere, nk'uko bivugwa na Hernesto Pool, asanzwe ari mu bawubungabunga muri ako karere.

Yabwiye BBC Mundo, igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'iki Espangol, ati: "Dukora ibi twisunze imigenzo ya maya itubwira ko abapfuye babandanya babaho inyuma y'urupfu. Rero uyu mugirwa wo kwibuka abapfuye utuma dutahura ko umuntu apfuye agiye mu bundi buzima, ko agiye mu buzima bwo mu kuzimu hanyuma akagaruka".

Igikankara c'agahanga mw'itongo ry'abapfu rya Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

Ingene boza aya magufa

Ikigwati ca Pomuch kiri mu karere ka Hecelchakán, akarere karangwamwo ubushuhe bwinshi kandi gatekanye mu kirwa ca Yucatán.

Map

Ikirere gituje c'iryo tongo ry'abapfuye gituma inyuma y'iminota mike ubwoba umuntu aba afise yinjiyeyo ubwa mbere buhera.

Kuva hagati mu kw'icumi, abashinguye ababo muri iryo tongo bama baja kwoza amagufa yabo mu kubategurira ibirori vy'amagenekerezo ya 31 z'ukwa cumi hamwe n'iya mbere y'ukwa cumi na rimwe, imisi izwi ko ari ho abana n'abakuze bapfuye bagaruka.

Cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

Imiryango iganira mw'ituze mu gihe baba bariko barakora ibi. Benshi bazana amashurwe n'amabuji mu ntumbero yo gushariza uruhapfu, bakazana n'ibitambara vyiza bidoze canke bicapuyeko amashurwe biriko n'izina ry'umuhisi, ari navyo baca bashinguramwo amagufa yogejwe, bakabona no gukurayo igitambara cakoreshejwe umwaka uheze.

Ricardo Yam ni umwe mu basanzwe basiga irangi uruhafu akaba kandi ajejwe no kwoza, uko umwaka utashe, amagufa y'umwe mu mahasa yiwe yapfuye akivuka, haciye imyaka 28, mbere akavuga ko aryoherwa cane iyo amwibutse.

Agira ati: "Uku kwoza aya magufa, ni nko kubuhagira no kubambika igitambara gishasha, ni nko kubahindurira impuzu, kuko baba bari hafi yo kugaruka kubagendera, bikaba ngombwa rero kubategura. Aya mabuji ni ayo kubamurikira kugira ngo babone inzira bacamwo hanyuma bajane natwe".

Ricardo Yam

Ahavuye isanamu, Marcos González

Insiguro y'isanamu, Ricardo Yam asanzwe ari umukozi asiga irangi mw'itongo ry'abapfuye rya Pomuch.

Ariko hari bamwe vyanka ko bo nyene biyogereza amagufa y'ababo, bikaba ngombwa ko basaba ubufasha abandi bantu nka Venancio Tuz,, umwe mu basanzwe bimba ibinogo vyo guhambamwo abapfuye.

Mu bubangutsi budasanzwe kandi atekanye, Don Venancio arashobora kwoza n'iminwe amagufa y'umuntu iyo abisabwe mu kiringo kitarenga iminota 15 yonyene.

Ahanagura igufa rimwe rimwe akoresheje uburoso, hanyuma yose akayasubiza mw'isandugu ishashemwo igitambara gishasha.

Nettoyage des os

Ahavuye isanamu, Marcos González

Adatakaza n'umunota umwe mu kazi kiwe, yabwiye BBC Mundo ati: "Mu kwoza aya magufa, dukurikiza urutonde nk'uko boba bahagaze neza, kuva hasi gushika hejuru. Rero, ku mpande z'isandugu hari imbavu, hanyuma hakaza amagufa y'amaguru n'amaboko, hagahereza igikankara c'umutwe kija hagati. Nk'uko mushobora kubibona, umushatsi ntiwigera utabwa".

Nk'uko bivugwa n'uyu asanzwe yimba imva, kugira ngo amagufa y'umuhisi atangure kwozwa ubwa mbere, bisaba n'imiburiburi imyaka itatu kuva apfuye, ingingo z'umubiri zimaze gutandukana.

Don Venancio

Ahavuye isanamu, Marcos González

Insiguro y'isanamu, Don Venancio amaze imyaka 20 yoza amagufa y'abapfuye muri iryo tongp ry'abapfuye

Arazi ko akazi kiwe atari ako uwari we wese. Avuga ko "mu ntango bitari vyoroshe", ariko ko ubu yamaze kukamenyera inyuma y'imyaka 20 amaze agakora. Mu kiringo c'izo ndwi, arashobora kwoza ibisigarira vy'abantu bashika 15 ku musi. Aha aca asaba amafaranga 30 y'ama pesos (amadorari 1,5 y'abanyamerika).

Imbere yiwe, abagore babiri b'abanyamahanga bakiri bato bihweza ingene ariko arabikora batekanye, bafata amashusho n'amaterefone ngendanwa yabo. Muri ako gace, hari uburere butari buke bukora imigirwa nk'iyo, ariko Pomuch ni ko gakunzwe kwirukirwa cane na ba mukerarugendo kubera umugirwa wako wiswe Umurage ndangamuco udasanzwe w'intara ya Campeche mu 2017.

Crâne dans le cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

Kazoza k'uyu mugirwa

Amwe mu magufa yogejwe na Don Venancio ni ay'ikiziga ca mwenewabo wa Carmen Naal. Uyu mugore avuga ko umugabo wiwe ariwe yama abikurikirana, ariko ko uno mwaka, yafashe ingingo yo gusaba uyu asanzwe yimba imva ngo afashe kubera umwanya muto wari usigaye imbere y'igenekerezo rya mbere y'ukwa cumi na rimwe.

Atwengatwenga, avuga ati: "Hanyuma kandi, uno mwaka bari bacafuye cane kuruta uko vyahora kubera umwaka uheze tutashoboye gukora uyu mugirwa kubera ikiza, hanyuma kandi kubera mama yari yapfuye. Uyu mwaka rero ntiwashobora gusubira kuturengana".

Carmen Naal

Ahavuye isanamu, Marcos González

Insiguro y'isanamu, Carmen Naal yari yagiye mw'itongo ry'abapfu kugira ategure abiwe bose kubera mu 2020 atashoboye kubikora kubera ikiza

Uyu mugore asanzwe aba mu kigwati ca Pomuch avuga ibijanye n'uyu mugirwa n'ivyishimo vyinshi kandi awishimira. Kuri we, igihe c'ukwoza amagufa ni "igihe kidasanzwe co kwiyegereza umukunzi. Urumva ko wongeye guhobera umuryango wawe mu rukundo".

Ikindi abagendera iri tongo ry'abapfuye batangarira ni amabara aryoheye ijisho asize ku bushinguro, bwinshi muri bwo bugasigwa gushasha imbere y'uyu musi wo kwibuka abapfuye.

Naal ati: "Ububiko burasukurwa nk'uko yoba ari inzu ntoya. Ni nk'uko abapfuye boba bahinduye inzu hanyuma ukaja kubaramutsa".

Cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

Arizera ko uyu mugirwa utazozimangana muri uru runganwe rwa kino gihe, akavuga ko yigishije abana biwe akabumvisha ko bategerezwa kubandanya bamukorera uyu mugirwa mu gihe azoba amaze gupfa, ariko ukuri ni uko bisa n'uko ata bakiri bato bari muri iryo tongo ry'abapfuye.

Umwe muri bake bahari ni María José, umwigeme w'umuyabaga yari yaherekeje nyina wiwe yizeza ko azobandanya umugirwa mu gihe azoba atakiriho.

Cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

Nyina wiwe, Ligia Pool, yari yitavye ibikorwa biteye agahinda vyo kwoza ibisigarira vy'uruhinja.

Ku mukobwa wiwe yapfuye akivuka, haciye imyaka 30, nta bisigarira vyinshi biriho, ariko umuntu ashobora kumenya imyaka yiwe aravye ibisigarira vyiwe n'uturato tw'impuzu yari yambaye igihe yariko arozwa.

Ligia na M. José

Ahavuye isanamu, Marcos González

Insiguro y'isanamu, Ligia agerageza kwigisha umukobwa wiwe María José kugira ngo azobandanye umugirwa wo kwoza amagufa

Akorora amosozi, avuga ati: "Turaganira nabo, nk'uko twoba turi kumwe. Umubiri wabo warapfuye, ariko bobo baba bakiri kumwe natwe, iyi misi ni iyo kubibuka. Nico gituma twebwe, abavyeyi, tubandanya twigisha uyu mugirwa abana bacu, mbwira umukobwa wanje nti: 'raba uwo muvukana, murabe ku myaka 30, ni nk'uko hoba ari ejo hahise...".

Hernesto Pool abajijwe nimba atahura igituma ko abantu benshi badatahura uyu mugirwa, arishura adahigimanga. "Si ikintu gitangaje, si ikintu giteye ubwoba. I Pomuch, ntidusenga urupfu, turarwubaha tukaruha agaciro rukwiye, n'ukuvuga intambwe yindi y'ubuzima".

Crâne dans le cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González

Ivyo ari vyo vyose, ababa muri iri tongo ry'abapfuye barabandanya , inyuma y'umusi w'abapfuye, kwerekana igice kimwe c'agahanga kabo aho baba bari mw'isandugu, nk'ikimenyetso ko "bari maso, baducunze, baturabira kazoza n'ingene isi igenda", nk'uko bivugwa n'uwuhagarariye uyu mugirwa mu karere.

Ni uko bazoba bameze mu mezi 12 ari imbere barindiriye kwozwa neza n'ababo.

Pool arangiza avuga ati: "Ndibaza ko abapfuye i Pomuch badapfa igihe cose tutazobibagira. Nico gituma uyu mugirwa ari ngirakamaro".

Cimetière de Pomuch

Ahavuye isanamu, Marcos González