Ingene twumva ico dukozeko n'ubushuhe vyaronse agashimwe ka Nobel

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga batoye ingene imibiri yacu yumva ubushuhe canke uguhoberwa n'uwo ukunda batsindiye agashimwe ka Nobel.
David Julius na Ardem Patapoutian bo muri reta Zunze Ubumwe za Amerika, basangiye ako gashimwe ko mu gisata c'ubuvuzi n'ico kwiga ingene ingingo z'umubiri zikora (physiologie) kubera igikorwa cabo ku kwumva ico ukozeko canke kigukozeko hamwe n'ubushuhe.
Batoye ingene bigenda kugira imibiri yacu ihindure ico umubiri wumva hari ikiwukozeko mu butumwa bw'umuyagankuba (amashanyarari) buca buja mu nzira z'ubwonko.
Ivyo batoye bishobora gushika ku nzira nshasha z'ingene hagwanywa ububabare.
Ubushuhe, imbeho (ubukonje) bifise ikibanza gikomeye mu kwumva ibiri iruhande yacu kugira dushobore kubaho.
Ariko ingene umubiri wacu ubikora canke ubigenza vyari bikiri amayobera mu cigwa c'ubuzima (biologie).
Thomas Perlman, wo mu mugwi w'abatanga agashimwe ka Nobel, yavuze ati: "Ivyatowe ni ibintu bikomeye kandi vyimbitse cane." Yongerako ati: "Ibi vy'ukuri vyuguruye bimwe mu vyari bikiri ibinyegezwa ku bibaho".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ivyo Professeur David Julius yashitseko kuri kaminuza ya California, San Fransisco, vyavuye mu bushakashatsi ku bubare twumva iyo turiye ipiripiri ibaba, ico umuntu yovuga nk'ubumara (chemical ) bwitwa capsaicin.
Yakoze ku nkomoko canke isoko ry'ukubaba mw'ipiripiri.
Yatoye igice cihariye cakira/cumva (recepteur) (nk'ikigize uturemangingo twacu twumva ibintu biri iruhande yacu) ari naco giheza kigatanga ubutumwa ko cumvise capsaicin.
Ibindi bipimo vyerekanye ko iyo recepteur itanga ubutumwa ko yumvise ubushuhe kandi bubaye bwinshi ikabimenyesha.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibi nivyo bishika , nk'akarorero, iyo intoke zituriwe n'igikombe c'icayi.
Ivyo yatoye vyamushikanye ku gutora utundi duce twinshi twakira canke twumva ubushuhe.
Iyo uriko uraca ku musenyi ukawumva munsi y'ibirenge vyawe - izo 'recepteurs' nizo ziba zirungitse ubutumwa mu bwonko.
Umugwi utanga agashimwe ka Nobel wavuze ko "Ubwo bumenyi buriko burakoreshwa mu kurondera ingene hovurwa ibiva ku ndwara zitandukanye harimwo ububabare buguma bugaruka."
Abo babiri bazogabura ako gashimwe gaciye miriyoni cumi z'amafaranga ya Suede ( arenga umuriyoni w'ama dorari).
Agashimwe ka Nobel gahabwa umuntu yagize igikorwa gifasha abantu mu kubaho kwabo.
Ako gashimwe kitiriwe Alfred Nobel, umunya-Suede yatoye dynamite (bakoresha nko mu guturitsa ibibuye binini binini nk'iyo bariko baraca/barubaka amabarabara.

Ahavuye isanamu, Getty Images










