Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tokyo Olympics: Umunonotsi w'umunya-Namibia avuga ati 'Ntushobora kumbwira ngo ubu sindi umugore'
- Umwanditsi, Na Celestine Karoney
- Igikorwa, BBC Sport Africa, Tokyo
Beatrice Masilingi w'umunya-Namibia ariko aritegurira igihe ciwe ca mbere gikomeye cane mu mwuga wiwe w'inkino ubwo amaze gusubiza umutina hamwe inyuma yo guhungabana cane.
Uwo mukinyi w'imyaka 18 avuga ko anezerewe cane no kuzohiganwa ku metero 200 mu bagore mu nkino za Tokyo 2020 aho isemo ya mbere yo kurobanura iba kuri uyu wa mbere.
Ariko kwiruka imetero 200 yabihisemwo ubugira kabiri yari asanzwe yiteguriye 400 aho yagaragara nk'umwe mu bohiganirwa umudari inyuma yo kugira umwanya wa gatatu wa mbere mwiza cane uyu mwaka ku ma sekunda 49,53.
Ariko akanyamuneza k'uko azokwitaba inkino Olympics ntikatevye kuko urwego ruraba inkino z'abanonotsi kw'isi World Athletics rwaciye rumumenyesha ko atazohiganwa kuri 400m kubera urugero rwiwe runini rw'inkabuzo (umusemburo) ya testosterone.
Yabwiye BBC Sport Africa ati: ''Mu ntango vyarampungabanije cane. Ntushobora kuza ngo umbwire ngo ubu si nndi umugore. Birababaza cane kandi biranshavuza ariko ntaco turi bubikoreko muri uyu mwanya".
"Vyaranciye intege, kandi vyari bibabaje cane. Nari niteguriye ihiganwa ryanje rya mbere rya Diamond Leagye igihe namenya iyo nkuru."
"Ni akarenganyo kuko ntushobora kwitega ko abantu bose bamera kumwe, abantu bose ngo bagire ubushobozi bumwe, tuvuka dufise ubushobozi butandukanye, ntiduhobora kumera co kimwe, ntibigira umutwe n'amaguru".
Masilingi yamenyeshejwe muri kwezi kw'indwi na World Athletics ko urugero rwiwe rwa testosterone rurenze urwemewe ku bakinyi b'abagore bashaka guhiganwa ku birere biri hagati ya 400m na mile imwe (1600m), kiretse bemeye gufata imiti igabanya iyo nkabuzo mu kiringo c'amezi atari munsi y'atandatu.
Ariko n'uho vyamugendeye uko, uwo muyabaga yiteguriye gukora ibishoboka vyose muri izo nkino za Olympics.
Masilingi yabwiye BBC Sport Africa ati: "Ndaryohewe cane, n'ikintu nashaka gushikako cane ariko sinari niteze ko nogishikako ku myaka mfise".
Kugira icifuzo ciwe c'inkino za Olympic ntikumujane Masilingi na mugenziae Christine Mboma nawe yakozweko n'izo ngingo, baciye bafata ingingo yo kwitegurira guhiganwa kuri 200m n'ubwo hari hasigaye amayinga make gusa ngo inkino zibe.
Umumenyereza w'abo bakobwa babiri Henk Botha avuga ati: "Birumvikana ko ivyo vyadusubije inyuma cane. Vyabaye ngombwa ko dukora cane kugira tumenyere gushasha kandi tugerageze uko dushobora kwose kandi ndashima cane ingene abo bakobwa bariko baravyitwaramwo n'ingene bariko barakora".
Masilingi ntashaka kuvuga ico yibaza kuzoshikako mu nkino za Olympic ariko aranezerewe cane no kuzohiganwa n'ubwo ivyashitse vyari vyabanje kumuca intege.
Avuga ati: "Ndacafise ayandi mahirwe. Ndacafise 200m nshobora guhiganwako, urumva rero sinokwiyica ngo n'uko hari ihiganwa banyatse. Nditeguye nk'uko nari nitegeruiye 400m".
"Ngerageza kutaja cane ku mbuga hwaniro kuko ndazi ko ivyo vyoza kundemera cane, ubu nkaba ngerageza kugabanya ivyo nkora vyose muri iki gihe kuko ata burambe nsanganywe bw'imgene novyitwaramwo."