Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mboma na Masilingi bo muri Namibia bompi ntawuzokwiruka 400m muri olympic kubera testosterone nyinshi
Umukobwa w'umuyabaga wo muri Namibia Christine Mboma - yaciye umuhingo wa metero 400 wari umaze imyaka 30 - mu batarenza imyaka 20 ku wa gatatu - yavuye mu bazohiganwa kuri uwo mwanya mu nkino za olympic za Tokyo kuko basanze umubiri wiwe ufise inkabuzo/umusemburo kamere wa testosterone uri ku rugero rurenze urwemerwa n'urwego ruraba izo nkino kw'isi, World Athletics.
Umwanya wari wagizwe n'uwo mukobwa w'imyaka 18 Mboma ku wa gatatu mu gisagara co muri Pologne ca Bydgoszcz waza ubigira ndwi mu myanya mito ku 400m wirutswe n'umugore gushika ubu - ukaba wamuha amahirwe yo kuronka umudari w'inzahabu kuri izo metero i Tokyo.
Ariko komite ya olympic ya Namibia (NNOC - CGA) yemeje ko abo bakobwa bompi batazoshobora guhiganwa kuri izo metero kubera amategeko ya World Athletics ku bagore bari mu mugwi w'abafise "Differences of Sexual Development", canke DSD, inyuma yo gupimwa n'urwo rwego.
NNOC -CGA yavuze mw'itangazo ko "bikenewe cane ko abantu bumva ko abo banonotsi bompi atawari azi ko afise ico kibazo. Nta n'uwo mu muryango yari abizi, naho n'umumenyereza wabo canke NNOC -CGA."
Yagiye aratera imbere mu kunyaruka
Mboma yari amaze umwaka atera imbere bigaragara, agumya asumvya aho yari amaze kugera, anaca imihigo mu gihugu, ku mugabane mbere no kw'isi ku metero 400.
Umwanya wiwe w'amasekunda 48.54 -hafi ica cenda kuri cumi (9/10) wihuse kurusha umwanya wa mbere mwiza wari uhari gushika ubu wagizwe n'umudagikazi wo mu buseruko Gritt Breur mu 1991 - wari muto cane ku buryo ubwo nyene yaciye aba umwe mu bohiganiwe umudari w'inzahabu na cane ko muri iyo ndwi uwundi mukeba kuri izo metero, Salwa Eid Naser wo muri Bahrain, yari yafatiwe ibihano vy'imyaka ibiri kubera kurenga ku mategeko yo gufata imiti yongereza inguvu zo kwiruka.
Ariko uko gutera imbere cane kwatumye World Athletics imukurikiranira hafi, ica isaba ko hasuzumwa ibipimo vya mbere vyari vyakorewe muri Namibia.
Ibindi bipimo vyaciye bikorwa mur iyi ndwi aho bompi Mboma na Masilingi bagirira imyimenyerero ku mugwa mukuru w'Ubutariano Roma, ''inyishu ikaba yaje ivuga ko abo banonotsi bompi umubiri wabo usanzwe ufise inkabuzo kamere za testosterone zirenze urugero".
Itangazo ry'urwego rwa Namibia rujejwe inkino za olympic rivuga ko "NNOC -CGA n'umuganga wacu aguma avugana n'umuganga wa World Athletics ku vyerekeye ibigiye gukurikira kuri abo banonostsi babiri."
"Tuzokwihweza inkuru zose. Turizeye kazoza kabo nk'abanonostsi bo mu rwego rwo hejuru. Christine na Beatrice bompi bazoshobora guhiganwa ku metero 100 na 200.
"Umumenyereza ariteguye kubandanya akorana n'abo bakobwa kuri izo metero mu gihe tukiraba ikigiye gukurikira."
Mboma na Masilingi bompi bazohiganwa ubwa mbere mu nkino za olympic i Tokyo mu Buyapani, aho izo nkino zitegekanijwe hagati y'itariki 23 ukwezi kw'indwi n'itari 8 ukwezi kw'umunani.
Abandi bakuwe mw'ihiganwa kubera testosterone
World Athletics irabuza abagore bari mu mugwi wa DSD guhiganwa ku metero ziri hagati ya metero 400 na mile imwe (1,6km) mu mugwi w'abagore kiretse babanje gufata imiti igabanya urugero rw'inkabuzo ya testosterone.
Ni co cakuye umurundikazi Francine Niyonsaba, umunya-Afrika y'Epfo Caster Semenya n'umunya-Kenya Margaret Wambui mw'ihiganwa ku metero 800 mu nkino za Tokyo. Uko ari batatu nibo bari baronse imidari kuri izo metero mu nkino za Rio mu 2016.
Francine Niyonsaba ubu azogeragaza amahirwe yiwe ku metero 5,000 mu gihe Caster Semenya we vyamunaniye kuronka umwanya usabwa kugira aronke uburenganzira bwo guhiganwa kuri izo metero mu nkino za Tokyo.
World Athletics ivuga ko urugero runini rw'iyo nkabuzo rwongereza kutaruha no gukomera kw'imitsi bigaha amahirwe abafise ururi hejuru cane kurusha abandi.
Caster Semenya amaze igihe yarajanye urubanza muri sentare kugira iyo ngingo ivanweho, ubu akaba arugejeje muri sentare ya Buraya yubahiriza agateka ka zina muntu.
Avuga ati: ''Iyo ngingo nta nsiguro igira. Nzoguma ngwanira uburenganzira bwanje."