Mali: Perezida Assimi Goïta yaraye ahatswe kugandagurwa, ati 'ni kimwe mu bigize akazi'

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyuma y'aho umukuru w'igihugu wa Mali ahakiwe kugandagurwa ejo ku wa kabiri mu gihe yari mu masengesho yo guhimbaza umusi mukuru w'aba Islam wa Eid al-Adha, avuga ko ari akantu gasanzwe, akagira ati: "Ni kimwe mu biranga kuba umuyobozi".
Inyuma y'amasaha make abagabo babiri bakoze igitero ku musigiti Grande Mosquée ku mugwa mukuru Bamako, Col. Assimi Goïta yabwiye abanyamakuru ati: "Vyose bimeze neza. Nta ngorane".
Amakuru avuga ko umwe muri aba bagabo yari afise imbugita (icyuma mu Kinyarwanda), maze agerageza gucumita Col. Goïta yari arongoye umurwi w'abasirikare batembagaje ubutegetsi mu kwa munani kw'umwaka uheze.
Ariko ntibashoboye no kumurya urwara kuko baciye bafatwa ubwo nyene.
Col. Goïta agira ati: "Ni kimwe mu biranga kwitwa umuyobozi. Igihe cose hama hariho abantu batanezerewe, igihe cose hama hari abantu barondera kugerageza ibintu vyo guhungabanya umutekano, kugerageza gukora ibintu bitagira iyo bija n'iyo biva. Ni igikorwa kitagira mvura kandi catorewe umuti".
"Ndashaka guhumuriza abanyagihugu mvuga ko meze neza cane, nta ngorane n'imwe ihari, nta muntu n'umwe yakomeretse kandi ikibazo catorewe umuti".
Inyuma y'ico gitero, itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu ryamenyesheje ko Perezida Assimi Goïta yaciye anyarukanwa kw'ikambi ya gisirikare iri hanze y'umugwa mukuru.
Umushikiranganji umwe yavuze ko ivyabaye ari ukugerageza kugandagura umukuru w'igihugu.
Iki gitero giteye amakenga muri iki gihugu gihanzwe n'ibibazo vy'umutekano muke, harimwo imirwi y'abarwanyi biyitirira idini rya Islam ifitaniye ubucuti n'imihari al-Qaeda na Etat Islamique/Islamic State, babandanya bakora ibitero irya n'ino mu gihugu.
Col. Goïta ni umutegetsi atabonwa kumwe - inyuma yo gutembagaza ubutegetsi ku nguvu za gisirikare incuro zibiri zose mu mwaka umwe gusa.
Mu kwa gatanu uno mwaka, yigenye nk'umukuru w'igihugu abogoje reta mfatakibanza yari yashinzwe inyuma y'aho we nyene atembagarije ubutegetsi bw'uwari umukuru w'ico gihugu Ibrahim Boubacar Keïta mu kwa munani kw'umwaka uheze.
Col. Goïta yaremereye abanya Mali n'amakungu ko azosubiza ubutegetsi mu minwe y'abasivire mu mwaka uza.










