Burundi: Uwarokotse igitero c'i Munanira avuga ingene yarusimvye abandi bakicwa

Ahavuye isanamu, AFP
Uwarokotse atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, avuga ko hari nk'isaha zibiri z'ijoro (20:00 ) aho imodoka yari arimwo yo mu bwoko bwa Probox yagwa mu mutego w'abo bitwaje ibigwanisho.
Agira ati: "Twashikiriye ikamyo iriko irasha, ubwo nyene baca barasa umushoferi, jewe n'uwundi umwe duca turavamwo turiruka.
"Baciye badukurikiza amasase, uwo twari kumwe bamurasa mu mugongo ariko ntiyapfa. Abandi basigaye mu modoka babatuririyemwo."
Avuga kandi ko, avuye mu modoka ariko ariruka yabonye iyindi modoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Hiace, yari imbere y'iyo kamyo na yo nyene bamaze kuyiturira.
Ngo hari imodoka zashoboye gukata zirasubira inyuma bazikurikiza amasase.
Ababateye boba ari bande?
Uretse ko yemeza ko bavuga ikirundi kandi bakaba bari bambaye impuzu za gisirikare, uwo yacitse kw'icumu avuga ko atabo yamenye.
Mu kibanza c'inkofero za gisirikare (Berets), ngo bari bambaye izindi nkofero zisa n'impuzu bambaye zitambarwa n'igisirikare c'Uburundi.
Avuga kandi ko ata kintu na kimwe batwaye, ngo mukuva muri ico kibanza bakaba bafashe inzira igana i Mwaro.
Ubutegetsi buvuga iki?
Mw'itangazo ubushikiranganji bujejwe umutekano bwashize kuri Twitter, buvuga ko ari abitwaza iterabwoba bagize igitero i Munanira, ku birometero bitatu uvuye ku mugwa mukuru wa komine Rutegama, hicwa abantu batavuzwe igitigiri.
Ku mbuga hwaniro no mu binyamakuru bitandukanye havugwa gushika kuri 15 boba baguye muri ico gitero.
Mu ntango z'ukwezi guheze, kuri iryo barabara nyene rya Bugarama - Gitega, harabaye igitero c'abantu bitwaje ibigwanisho bica abantu umunani.
Ico gihe ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu bwavuze ko bari abasuma.

Mu mpera z'ukwezi guheze kandi, harabaye ibitero vy'amagrenade mu bice bitandukanye vy'igisagara ca Bujumbura bihitana abantu babiri ku bw'inzego zijejwe umutekano.
Ivyo bitero vyose ntawuravyiyitirira.
Mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za reta n'abamenyeshamakuru cabaye kuwa gatanu itariki 25 z'uku kwezi, Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'umutekano yavuze ko hari abamaze gufatwa mu bakoze ivyo bitero.






