Burundi: Bakiriye gute ingingo yo kwemerera BBC gusubira gusamirana?

Urwego rujejwe gukurikirana ingene ibimenyeshamakuru mu Burundi bikora, CNC, rwaraye rutangaje ko BBC yemerewe gusubira gukorera mu Burundi, ibanje gusubira gusaba uburenganzira gushasha.
Abakurikira urubuga rwa BBC Gahuzamiryango kuri Facebook batanze ivyiyumviro bitandukanye kuri iki cemezo.
Bamwe bavuga ko ari inkuru ishimishije kuko bari banyotewe kongera kumva Gahuzamiryango kuri FM, mu gihe abandi bavuga ko ataco Uburundi bwari bwarahomvye kuba BBC yari yugaye.
Haraheze imyaka ibiri BBC idasamiranira mu Burundi.
Ingingo yo kwemera ko ishobora gusubira kwugurura ifashwe imbere gato y'uko Prezida Evariste Ndayishimiye akwiza umwaka umwe ashitse ku butegetsi mu matora.
Ibi ni bimwe mu vyiyumviro vy'abadukurikira kuri Facebook:
Jerome Mbazumutima ati: "Turabashimiye cane karibu twari twahomvye vyishi"
Nzigamasabo Simon ati: "Ndizera ntakekeranya ko BBC News Gahuza imyaka imaze idakorera kubutaka bw'Uburundi ko yatahuye neza ko ikeneye Uburundi kurusha uko buyikeneye. Kaze dukorane twubahana kuko Uburundi ntitwikukiye inusu twikukiye umurava!"
Ibikorwa n'ibiganiro vya BBC mu Burundi vyugawe burundu mu mpera z'ukwezi kwa gatatu mu 2019. Hagati aho, abatari bake babandanije bayumviriza baciye ku rubuga rwa Facebook, ariko hari n'abandi bidashobokera.
Bishaka Alexis Madiba ati: "Murakaza neza nubu jewe sinigeze mpagarika mukubakurikirana nokubumviriza".
Saha D'or Samuel Habarugira ati: "Tangura mutubwire amakuru rero tubateze yombi. Ariko muzoze mwirinda kubogama mutavuga amakuru asambura kuko hariho abatanga amakuru bashaka kubayovya ngomusambure u Burundi Kandi abarundi bumutima dusanzwe dufatanye munda".
Canut Nahishakiye na we ati: "Kaze mukunzi wacu BBC, abafise amaradiyo abayabaye n' amaphones y' agahinda tukwumve kuri FM, mubinyarutse!"
Jean Paul Manirakora: "Ntaco vyari bitwaye. Yagumye yumvirizwa kandi cane. Ibihano vyiza vyobandanya".
Nzambimana Dominique na we avuga ati: " Yoba ariyo yarikeneye cane uburundi niyo yari gusaba gutezurirwa si Uburundi bwofashe iyambere. Afrika twanke agacinyizo kumuzungu ariko Kandi dukoresheje ubwenge, Kuko Nawe niko akora".
Jerome Mbazumutima ati: "Turabashimiye cane karibu twari twahomvye vyishi"
Athanase Ndabumviyubusa na we ati: "Ca muraba icaha mwari mwakoze ntimuzogisubire erega twebwe dushaka amakuru n'inkuru".
BBC mu Burundi yugaywe bivuye ku nkuru y'igisata ca BBC gikora inkuru z'amatohoza, BBC Africa Eye, mu kwezi kwa 12 mu 2018, ku bibanza vyo mu mpisho vyavugwa ko bipfungirwamwo abantu bakanabikorerwamwo iyica-rubozo n'abo mu nzego zijejwe umutekano mu Burundi.
Reta y'Uburundi yaraneguye kandi iriyamiriza ivyavugwa muri iyo nkuru imbere y'uko CNC ihagarika burundu ibiganiro n'ibikorwa vya BBC mu Burundi mu kwezi kwa gatatu mu 2019.
Igisata ca BBC kijejwe kumenyesha amakuru cavuze ko ''dushimye iyo nkuru kandi ko twiteze gukorana kugira tumenye intambwe zikurikira mu gihe ibiganiro bikibandanya''.










