BBC - Burundi: CNC ivuga ko ata ntambamyi ikihari y'uko BBC ikorera mu Burundi

NBH, London
Insiguro y'isanamu, Icicaro gikuru ca BBC BBC i Londres mu Bwongereza

Urwego rujejwe gukurikirana ingene ibimenyeshamakuru mu Burundi bikora, CNC, rwatangaje kuri uyu wa gatatu ko ata ntambanyi ihari y'uko BBC ikorera muri ico gihugu.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru no mw'itangazo yasohoye, umukuru mfatakibanza wa CNC Laurent Kagimbi yavuze ko "ata ntambanyi n'imwe y'uko iyo radio y'abongereza BBC yokora.

"Mugabo ikabanza gusubira gusaba uburenganzira bwo gukora kuko uburenganzira bari bararonse bari barabwatswe."

Igisata ca BBC kijejwe kumemyesha amakuru cavuze ko ''dushimye iyo nkuru kandi ko twiteze gukorana kugira tumenye intambwe zikurikira mu gihe ibiganiro bikibandanya''.

Ibikorwa n'ibiganiro vya BBC mu Burundi vyugawe burundu mu mpera z'ukwezi kwa gatatu mu 2019.

Iyugarwa rya BBC ryandurutse ku nkuru y'igisata ca BBC gikora inkuru z'amatohoza, BBC Eye, ku bibanza vyo mu mpisho vyavugwa ko bipfungirwamwo abantu bakanabikorerwamwo iyica-rubozo n'abo mu nzego zijejwe umutekano mu Burundi.

Iyo nkuru yasohotse mu kwezi kwa 12 mu 2018. Reta y'Uburundi yaraneguye kandi iriyamiriza ivyavugwa muri iyo nkuru imbere y'uko CNC ihagarika burundu ibiganiro n'ibikorwa vya BBC mu Burundi mu kwezi kwa gatatu mu 2019.

Insiguro y'amajwi, Umukuru mfatakibanza wa CNC Laurent Kagimbi avugana na BBC ku ngingo yo kuyirekurira

Radio y'abanyamerika VOA nayo ico gihe nyene yaciye ihagarikwa gukorera mu Burundi.

Hari n'ibinyamakuru vyo mu Burundi vyahagaritswe, birugarwa canke birasamburwa mu nkuruma yakurikiye impari z'amatora yo mu 2015 inyuma y'aho uwari umukuru w'igihugu ico gihe Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo kwitoza gutwara igihugu ubugira gatatu.

Mu ntango z'uyu mwaka, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye - azohimbaza umwaka amaze ku butegetsi ku wa gatanu - yabwiye urwego rw'igihugu ruraba ivyo kumenyesha amakuru CNC kuvugana n'ibinyamakuru vyose vyafatiwe ibihano kugira bisubire gukora.

Kuva ico gihe radiyo RSF-Bonesha FM iramaze kwugurura, co kimwe n'igisata co gushikiriza ivyiyumviro mu kinyamakuru Iwacu ku rubuga rwaco rwa internet.

Kuri uyu wa gatatu naho ikinyamakuru gikorera kuri internet, Ikiriho, naco cemerewe gusubira gushikiriza inkuru.