China: Abanyeshure bafashe bugwati umukuru w'ishure mu myiyerekano idasanzwe

Ahavuye isanamu, Chinese social media
Igipolisi c'Ubushinwa kimenyesha ko abanyeshure bari mu myiyerekano bafashe bugwati umukuru w'ishure kaminuza kubera ubwoba bafise ko impapuro z'umutsindo zabo zishobora guteshwa agaciro.
Iyi myiyerekano yari iyo kwiyamiriza umugambi wo guhuza ikigo c'ishure kaminuza rya Nanjing mu ntara ya Jiangsu n'ishure ry'imyuga - yompi akaba ari amashure akengerewe.
Bivugwa ko hari abanyeshure bakomeretse igihe igiporisi cakoresha inkoni n'ivyuka vy'ipiripiri mu kubirukana.
Imyiyerekano nk'iyi mu Bushinwa ntikunze kuboneka kuko amakoraniro y'abantu benshi akurikiranwa cane.
Ku wa kabiri, igipolisi co mu gisagara ca Danyang casohoye itangazo aho kivuga ko abanyeshure b'igice ca mbere ca kaminuza kw'ishure rya Nanjing Normal College ya Zhongbei yo mu ntara ya Jiangsu "bakoraniye hamwe" kuva ku wa Mungu bafata uyu arongoye iri shure kaminuza bamwugaranira mu kigo c'iryo shure mu kiringo c'amasaha 30.
Iri tangazo rivuga ko abanyeshure "bavuza induru batukana, banazibira abajejwe umutekano", baranka no kumurekura n'aho abategetsi bahavuye bamenyesha ko iyo ngingo ibaye irahagarikwa.
Abakoresha imbuga hwaniro bakwiragije amasanamu yerekana abaporisi bariko bakubita inembo abo banyeshure babatera n'ivyuka vy'ipiripiri, berekana n'umunyeshure w'umwigeme ariko aravirirana mu mutwe, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Iri tangazo ry'igiporisi rivuga ko "mu kugarukana umutekano mu kigo c'iyo kaminuza...inzego z'umutekano zafashe ingingo zisunze amategeko kugira ngo zirokore uyu mutegetsi yari yafashwe bugwati, kandi abakomeretse baciye banyarukanwa kwa muganga kuvurwa".
Ireresi yacishijwe kuri Twitter yerekana ibihumbi vy'abanyeshure bariko baririmba bakikijwe n'igiporisi hanze, kigenda gisobanura bamwe muri bo.

Ahavuye isanamu, NANJING NORMAL UNIVERSITY ZHONGBEI
Amashure kaminuza atandatu yose ari mu ntara ya Jiangsu avuga ko adashobora kwemera ingingo yatangajwe mu kwa gatatu yo kuyafatanya.
Igisata kijejwe indero i Jiangsu cari catangaje ko iyi ngingo yari yafashwe mu ntumbero yo gukurikiza ibwirizwa ry'ubushikiranganji bw'indero ryo guhindura amashuri kaminuza yigenga mu mashuri y'imyuga.
Iyi ngingo yateje imyiyerekano mu yandi mashure kaminuza ane y'abigenga muri iyo ntara mu misi iheze kubera ubwoba kuri iyo ngingo, yaranzwemwo "n'ugutana mu mitwe rimwe na rimwe", nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Global Times.
Uno mwaka, Ubushinwa bwiteze kuronka igitigiri kinini kitari bwigere kibaho c'abanyeshure barangiza kaminuza bazoba bangana n'imiriyoni icenda.










