US: Uwari umudereva w'indege yemeye ko yaravye amareresi y'ibiterasoni indege iri ku rugendo

Ikompanyi y'indege Southwest Airlines ivuga ko itashoboye kwihanganira "inyifato mbi nk'iyi"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikompanyi y'indege Southwest Airlines ivuga ko itashoboye kwihanganira "inyifato mbi nk'iyi"

Uwahoze ari umudereva w'indege muri Amerika yemeye ko yakoze "ibikorwa bibi, ibiterasoni" igihe indege yari ku rugendo umwaka uheze.

Abashikirizamanza bavuga ko Michael Haak w'imyaka 60 yakuye impuzu akiyereka ari gusa umudereva w'umugore amwungirije, maze aca yugurura amareresi y'ibiterasoni vyari mu nyabwonko ngendanwa yiwe.

Mu gihe indege ya kompanyi Southwest Airlines yariko iragenda, Haak yabandanije n'inyifato yiwe y'ibiterasoni" mu cumba c'abadereva.

Umucamanza wo muri Maryland yamuciriye igihano co gupfungwa ic'amaso mu kiringo c'umwaka wose, anamutegeka kuriha ihadabu ry'amadorari 5000 y'abanyamerika.

Sentare ivuga ko ibi vyabaye mu gihe indege yari ku rugendo ivuye ku kibuga c'indege ca Philadelphia itera ija i Orlando ku wa 10 z'ukwa munani 2020.

Igihe indege yari imaze gushika ahakirurutse neza mu kirere, Haak yaciye ava mu kibanza c'umudereva, "yambura impuzu n'ibigirankana" aca atangura kuraba ireresi z'ibishegu ku nyabwonko yiwe ngendanwa.

Itangazo ry'abashikirizamanza rigira riti: "Haak yabandanije mu ngeso mbi mu cumba c'abadereva mu gihe uwumwungirije w'umugore wewe yibandanirije n'igikorwa ciwe".

Bavuga ko Haak atari bwigere abonana n'uyu mudereva w'umugore amwungirije imbere y'urugendo.

Ikinyamakuru Associated Press candika ko icegera c'umushikirizamanza Michael Cunningham avuga ko uyu mudereva mugenziwe "yari afise uburenganzira bwo kwubahirizwa ntashirwe mu bigeragezo nk'ibi, ata kuraba ico vyavuyeko".

Haak yaciriwe urubanza muri sentare ya Maryland kuko ibi vyabaye iyo ndege ari ho igeze. Yemeye icaha co gukora ibiterasoni mu maso y'abantu.

Mw'itangazo yasohoye akoresheje videwo, Haak yasavye imbabazi kuri iyo nyifato, yongera ko ati: "Vyatanguye mu mwumvikano hagati yanje n'uyu wundi mudereva. Sinibaza ko bizohava bishika ino hose".

Umucamanza J Mark Coulson yabwiye Haak ko iyi nyifato yagize ingaruka mbi kuri uyu mudereva kandi ko yashobora kubangamira umutekano w'ingenzi.

Haak, akomoka mu karere ka Longwood muri reta ya Florida, yari amaze imyaka 27 ari umudereva w'indege y'ikompanyi Southwest Airlines imbere y'uko akukuruka mu mpera z'ukwa munani umwaka uheze.

Mw'itangazo yasohoye, iyi kompanyi ivuga ko itashoboye kwihanganira "inyifato mbi nk'iyi kandi ko izofata ingingo ruhasha mu gihe vyogaragara neza ko vyagenze uko". Umuvugizi wayo avuga ko bagiye kumenya ibi bintu Haak amaze gusezera muri iyi kompanyi ku bushake bwiwe.

Ivuga ko, nk'inkurikizi y'ivyo yakoze, yahagaritse kumuhemba uturusho tundi twose yari afitiye uburenganzira amaze gukukuruka.