RD Congo - Rift Valley: 'Buri mwaka umugaga hagati ya Africa n'ako karere wiyongera santimetero imwe'

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuhinga ku kungene isi imeze Ngendahayo Jean Chrysostome uvuga ko impera n'imperuka akarere karimwo ikirunga ca Nyiragongo kazotandukana na Afrika, ko vyoba vyiza abahaba bimuriwe ahandi.
Inyuma y'aho ikirunga ca Nyiragongo kirukiye, ababa mu micungararo yaco n'ubu baracumva nyamugigima mbere bamwe bigatuma barara hanze kubera ubwoba.
Umuhinga Ngendahayo Jean Chrysostome avuga ko ivyo vya nyamugigima biterwa na za gaz ziba zishaka kuduga ziva mu kuzimu zifise inguvu nyinshi cane hagaca haba ibice bibiri vyigaburamwo kabiri, ariko mu nyuma bigashaka gusubira gufatana ariko ntibifatane neza.
Igihe rero biriko birashaka gusubira gufatana, ivyo bice biritsiritanako akaba ari ho haca humvikana nyamugigima.
Mbega ivyo vya nyamugigima birashobora gutera Tsunami?
Umuhinga Ngendahayo Jean Chrysostome, yemeza ko muri ako karere ka Rift Valley hashobora gutera Tsunami mu gihe ico ca nyamugigima kije gituruka musi y'ikiyaga.
Ico gihe haba inguvu ziduga ziva mu kiyaga, zigatuma amazi asanzara agaca azana imikuba y'amazi ica igira Tsunami kubera inguvu nyinshi z'aho ico kinyamugigima kiba kivuye.
Avuga ati: "Bibaye nko mu kiyaga Tanganyika, Tsunami ishobora gutera mu gisagara ca Bujumbura, bigatuma abanyagihugu, mu gihe batateguwe neza, bahasiga ubuzima ari benshi, n'ibintu bikononekara."
Ngendahayo abandanya avuga ko, uko ikirunga kirutse, bidasigura ko haca haba nyamugigima.

Ahavuye isanamu, EPA
Ikibazo kiri mu karere ka Rift Valley gituma habaho na za nyamugigima ngo n'uko ari akarere kariko karatandukana.
Avuga ati: "Ako gace karimwo ibirunga vyinshi n'agace kitwa 'point chaud'. Iyo hashushe cane, ako gace ni ko gashobora guca kaduza vya bintu bimeze nk'umusururu biri mu nda y'isi bikaduga i musozi.
Akarere ka Rift Valley gashobora kuzohinduka izinga?
Umuhinga ku kungene isi imeze, Ngendahayo, aremeza ko muri ako karere hazaba amazinga nk'uko hasanzwe izinga rya Ijwi.
Agira ati: "Karya gace kazotandukana gusa bizofata igihe kubera ko buri mwaka kagenda kavanako isantimetero imwe imwe.
"Kazotandukana, biriya biyaga vyose bihuzwe n'ikiyaga kigabura igice c'uburengero ca Congo Kinshasa, ikindi gice na co kigizwe n'ibihugu nk'Urwanda na za Tanzania kije hamwe n'igice ca Kenya bitandukane burundu."

Ariko ngo ivyo bizofata igihe kirekire. Ico kiyaga kizomara igihe kirekire kugira kibeho, ntidushobora no kubibona n'amaso yacu.
Ahanura ko abantu bose begereye ikirunga ca Nyiragongo bari bakwiye kwimuka.










