Mali: Ibitaro bimenyesha ko umupfasoni yibarutse abana 9 azomara amezi yitabwaho

Ahavuye isanamu, Reuters
Abana icenda bavutse ku mupfasoni w'umunye Malawi bazokenera kumara "hagati y'amezi abiri n'atatu" babundikiriwe nk'uko bivugwa n'uwurongoye ibitaro bavukiyemwo.
Prof Youssef Alaoui wo mu bitaro vya Ain Borja i Casablanca muri Maroc yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ko "ari ikintu kidakunze gushika" kandi "c'imbonekarimwe".
Uwo mupfasoni Halima Cissé w'imyaka 25 n'abana biwe icenda - abakobwa batanu n'abahungu bane - bivugwa ko bameze neza.
Abo bana bapima hagati y'amagarama 500 n'ikilo kimwe igihe bavuka.
Umukuru w'ivyo bitaro Prof Alaoui yavuze ko umupfasoni Cissé yari afise imbanyi y'indwi 25 igihe yakirwa mu bitaro, abamukurikirana bakaba baramufashije gushikana indwi 30. Abaganga cumi n'ababafasha 25 ni bo bamuvyaje.
Prof Aloui yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Asssociated Press ko ivyo azi, uwo mupfasoni Cissé atigeze akoresha umuti n'umwe ujanye no kurondoka.
Yabwiye BBC Arabic ko yari mu bihe bitoroshe kubera imbanyi nini, yashoboye kwitabwaho neza.
Yagize ati: "Umuvyeyi ubu ameze neza, nta kintu kikimugeramiye. Tumwipfurije we n'abana biwe kunyarutsa gutora mitende."
Abaganga bo muri Mali ni bo bari batanguye kumupima aho bavuga ko azibaruka abana indwi. Bamurungitse muri Maroc ahari ubuhinga buteye imbere mu vyo ubuvuzi.
Inyuma y'indwi zitanu mu bitaro vyo muri Maroc, yibarutse arinze kubarwa ku musi wa kabiri nk'uko vyamenyeshejwe n'umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Mali, Fanta Siby.
Uwo mushikiranganji yashimiye umugwi w'abaganga bo muri Mali na Maroc kuri "ico gikorwa ciza cavuyemwo".

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugabo wa Cissé, Adjudant Kader Arby, aracari muri Mali aho ari kumwe n'umukobwa wabo mukuru. Avuga ko yagumye avugana n'umupfasoni wiwe ari muri Maroc kandi ko ata bwoba afise kuri kazoza k'umuryango.
Yabwiye BBC Afrique ati: "Imana yaduhaye abo bana, ni na yo izomenya ico bazoba. Nta bwoba mfise kuri ivyo. Iyo Rugira akoze ikintu, aba azi impamvu."
Hari hamaze kuvuka abana icenda incuro zibiri gushika ubu - bamwe bavutse ku mupfasoni wo muri Australia mu 1971, uwundi n'umupfasoni wo muri Malaysia mu 1999 - ariko nta n'umwe muri abo bana yamaze n'imisi mike.
Umupfasoni Nadya Suleman yavyaye abana umunani muri Amerika mu 2009 ni we afise umuhigo wa Guiness w'umupfasoni yibarutse abana benshi icarimwe kandi bakabaho. Abo bana ko ari umunani ubu bafise imyaka 12. Yasamye iyo mbanyi bamuteye imbuto.










