Biden: Iyi myaka cumi ni co gihe c'ingingo zo guhangana n'ihindagurika ry'ibihe

Ahavuye isanamu, JIM WATSON
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yiyemeje kugabanya imyuka ihumanya ikirere ku rugero rwa 50-52% munsi y'urugero rwo mu 2005 imbere y'uko iyi myaka 10 twimirije ihera.
Iryo hangiro rishasha , ryatangajwe mu nama yitabwe n'abategetsi b'isi 40 ariko badateraniye hamwe, rigwije na kabiri ivyo Amerika yari yaremeye gushika ubu.
Abanyamerika bizigiye ko iryo hangiro ryabo rizotuma Ubushinwa, Ubuhindi n'ibindi bihugu navyo birushiriza imbere y'inama kw'ishindagurika ry'ibihe COP26, izobera Glasgow mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Ariko ntihaja kubura amakenga ku bushobozi bwa Amerika bwo gushitsa ivyo yiyemeje, ufatiye kuri poritike itari ku murongo umwe muri Amerika.
Mw'ijambo ryo kwugurura iyo nama, Joe Biden yavuze ati:
"Abahinga batubwira ko iyi myaka cumi ariyo yo gufatamwo ingingo - nico gihe co gufatamwo ingingo zizoturinda ingaruka za mbere mbi z'aka kaga k'ihindagurika ry'ibihe".
Yabandanije ati:
"Dutegerezwa kugumiza ukwiyongera kw'ubushuhe bw'isi kuri degre 1.5C . Kurenza degre 1.5 bisigura ko isi ica ija iradukamwo kandi ku bukomezi bunini imiriro, imyuzure, uruzuba, imipfunda y'intuguta n'ibihuhusi - ivyo navyo bikabangamira abantu, bigasambura ubuzima n'uburyo bwo kwibeshaho".
Ubwogereza buri mu bihugu vyashatse kwerekana hakiri kare ishaka bufise n'imbere y'iyo nama. Umushikiranganji wa mbere , Boris Johnson, yatangaje ihangiro ry'indongozi kw'isi ry'uko Ubwongereza bugabanya imyuka gushika ku 78% bufatiye ku rugero rwo 1990 gushika mu 2035.
Ubwongereza nibwo buzoba burongoye inama ya COP26, bukaba buzoba bufise inshingano z'uko hashikwako amasezerano muri iryo koraniro rizohuza abategetsi b'isi i Glasgow mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Ivyo Biden yiyemeje ntibizobura intambamyi
Ihindagurika ry'ibihe ryamye rigize ikibanza gikomeye mu butegetsi bwa Joe Biden kuva mu mezi ya mbere agishikira amabanga yo gutwara igihugu.
Hamwe no gusubira mu masezerano ya Paris no gutunganya iyo nama yo kuri uyu wa kane, abajenama ba Biden bakoze kugira berekane ihangiro rikomeye ryemeza amakugu ko ibivugwa atari amajambo gusa.
Benshi mu bihweza ibintu n'ibindi bashira iryo hangiro rya Amerika ku 50% nk'ikimenyetso kigaragara c'intumbero ifise.
Kuba Joe Biden yiteguriye kurenza aho bija kwakirwa nk'ibitunguranye ku bahinga n'abaharanira kugabanya imyuka yonona ikirere.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iryo hangiro rishasha rizosaba ko Abanyamerika bahindura cane imibereho yabo. Ibicanwa biteye bwa bizuku (charbon) bizotegerezwa guhebwa gukoreshwa mu guhingura umuyagankuba, imiduga nayo ikoresha ibitoro ihindure ikoreshe umuyagankuba.
Ariko gutangaza ihangiro ni kimwe - kurishikako n'ikindi.
Mu gihe aba Democrats bafise ubwiganze mu nama nshingamateka, inama nkenguzamateka yo banganya n'aba Republicains, bigatuma kuhacisha amategeko mashasha ajanye n'ihindagurika ry'ibihe bitazokworoha.
Amerika n'Ubushinwa vyiteguriye gufashanya
Mu bategetsi b'isi 40 bitavye iyo nama harimwo prezida w'Ubushinwa Xi Jinping.
Mw'ijambo ryo mu kiringo co kwugurura inama, prezida w'Ubushinwa yabwiye ikoraniro ati: "Dutegerezwa kwiyemeza ko haba umubano mwiza hagati y'umuntu n'ibidukikije."
Yongeye kwibutsa ivyo Ubushinwa bwemeye mu ntumbero yo kugabanya imyuka yonona ikirere, birimwo gukoresha amasoko ntanganguvu meza no kuba ata myuka ya carbone izoba ikirekurwa mu 2060.
Yavuze ati : "Ubushinwa bwiteguriye gukorana n'amakungu, harimwo na Amerika".










