Ihindagurika ry'ibihe: Umwaka wa 2020 wabaye uwo akataraboneka mu bushuhe kw'isi

high temperatures

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mwaka wose hagumye hari ubushuhe bwinshi

Ibiharuro bishasha vy'ibigendajuru (satellites) vy'ishirahamwe ry'ubumbwe bwa Buraya vyerekana ko umwaka wa 2020, nk'uwa 2016, werekana ibiharuro bihanitse vy'ubushuhe kw'isi.

Ikigo kijejwe gukurikirana ihindagurika ry'ibihe ca Copernicus kivuga ko mu mwaka uheze habonetse ubushuhe hafi 1.25c, buri hejuru y'ibiharuro vyari bimaze igihe kirekire.

Abahinga bavuga ko ubushuhe burenze bwibonekeje muri Arctic no muri Siberie ari bimwe mu bintu bikomeye vyatumye ubwo bushuhe bwongerekana.

Mu mezi 12 aheze harabonetse ubushuhe bw'akaraboneka i Buraya, hafi 0.4C, ubushuhe burenze gusumba 2019.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri guheze, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwihweza ubushuhe bwari bwagabishije ko umwaka wa 2020 ushobora kuba umwe mu mwaka itatu yashushe cane gusumba iyindi kw'isi.

Ico cegeranyo gishasha ca Copernicus kivuga ko umwaka uheze ari wo uza kw'isonga mu bushuhe bwinshi.