US yafatiye ibihano abategetsi ba Uganda bagirizwa amabi mu matora

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano vyo kwimwa impusha (visas) zo kwinjira muri iki gihugu abategetsi ba Uganda bagirizwa kugira uruhara mw'ihungabanywa ry'intwaro rusangi.
Ibi vyatangajwe n'umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Antony Blinken inyuma y'ifatwa ry'abanywanyi b'imigambwe itavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda.
Yanditse kuri Twitter ati: "Hariho ingaruka zo kwivanga muri demokarasi".
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko abantu barenga 400 baburiwe irengero inyuma yo gufatwa n'inzego zijejwe umutekano imbere y'amatora yo mu kwa mbere.
Mu ntango z'iyi ndwi, abahinga ba ONU bakurikirana ibijanye n'uburenganzira bwa muntu zahamagariye abategetsi ba Uganda kuhagarika ingendo yo kuburabuza abo bahanganye muri politike.
Ku wa kane, reta ya Uganda yaremeye ko yahagaritse abantu barenga 1.000 bapfunzwe ku mvo z'amatora.
Ariko nnta nsobanuro zikwiye yatanze ku mpamvu bapfunzwe n'aho bapfungiwe.
Kuri bamwe, iri fatwa rikozwe ku butegetsi bwa Yoweri Museveni ryibutsa iryakorwa ku butegetsi bwa Idi Amin mu myaka yo mu 1970.










