Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia: Abaganga bashoboye kubaga umutima w'umurwayi ibitaro biriko birasha
Umurwi w'abaganga bo ku bitaro vyo mu Burusiya barashoboye kubaga umuntu yari arwaye umutima mu gihe abajejwe kuzimya imiriro bariko barwana n'umucanwa mwinshi wariko uratema utongora igisenge c'ivyo bitaro.
Abarenga 120 barashoboye guhungishwa kandi nta n'umwe yakomerekeye muri ivyo bitaro biri ahitwa Blagoveshchensk mu buserukobw'ico gihugu.
Abo baganga babandanije kubaga uyo murwayi mu cumba kiri mu kuzimu.
Umurwayi yagiye guhungishwa mu nyuma bahejeje kumubaga.
Uwari arongoye uyo murwi w'abaganga Valentin Filatov yavuze ko aba baganga "ata kundi bari gukora atari kurokora ubuzima bw'uyu murwayi kandi twarakoze ibishoboka vyose".
Abaganga n'abaforoma umunani nibo bakoze iki gikorwa kidasanzwe camaze amasaha abiri, kikaba catanguye imbere gato y'uko uwu muriro waduka.
Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe ubutabazi avuga ko ibi bitaro vyubatswe mu 1907 mu gihe igihugu catwara n'aba Stars (twogereranya n'abami), kandi ko "uwu muriro wakwiragiye nk'umuravyo mu gisenge cari cubatswe mu biti". Woba watewe n'ingorane z'umuyagankuba.
Umuforomakazi Antonina Smolina avuga ko icafashije ari uko abaganga "batasimbwe n'umutima".
Buramatari w'intara ya Amur Vasily Orlov arakeza aba baganga bakoranye ubuhinga hamwe n'aba bazimyamuriro barwanije uwu mucanwa.
Ibi nivyo bitaro vyonyene muri ako karere bifise igisata kijejwe kuvura indwara z'umutima.