'Abahohotewe' na Bosco Ntaganda bagenewe inshumbusho ya miriyoni $30

Abana binjijwe mu gisirikare hamwe n'abandi bantu bahohotewe n'uwahoze ari umukuru w'abarwanyi Bosco Ntaganda bagenewe inshumbusho y'imiriyoni 30 z'amadolari ya Amerika

Ni ingingo yafashwe n'abacamanza ba Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, ikaba ari yo nshumbusho nini kurusha izindi igenywe n'iyo sentare kuva yashingwa.

Abacamanza bavuze yuko Ntaganda adafise ayo mahera kugira arihe iyo nshumbusho, ko ahubwo azokurwa mu kigega bwite ca sentare, akoreshwe mu migambi yo gufasha abakozweko n'ivyaha vy'uwo murwanyi.

Bosco Ntaganda yari muri sentare kwumviriza iyo ngingo, akaba asanzwe yarakatiwe igipfungo c'imyaka 30 ku vyaha vy'ubwicanyi, gusambanya ku nguvu hamwe n'ayandi mabi.

Abanyagihugu amajana barishwe abandi ibihumbi bateshwa izabo n'intambara muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Abemerewe kuzofashwa mu migambi yo gufasha abahohotewe barimwo abagabweko ibitero vyari biyobowe n'uwo mugabo batazira 'terminator', abana yinjije mu gisirikare ciwe, abagore basambanijwe ku nguvu hamwe n'abana bavutse nyuma y'ukwo gufatwa ku nguvu.

Abacamanza bagenye inshumbusho y'ikivunga, bisigura yuko ata muntu azohabwa amahera ku giti ciwe.

Amahera ahubwo azohabwa amashirahamwe y'abagiraneza canke ibigega vyashinzwe kugira bifashe abahuye n'amakuba kubera ibikorwa vya Bosco Ntaganda.

Uyu mugabo yishikanye ku biro biserukiye Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu Rwanda mu kwezi kwa munani 2013, asaba gushikanwa kuri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, yari isanzwe imurondera.

Hari nyuma y'aho umugwi w'abarwanyi yari arongoye M23, utsindiwe n'inteko mpuzamakungu muri Kongo, abasirikare biwe bahungira mu Rwanda abandi muri Uganda.