Uganda: Gen Muhoozi arongoye igisirikare asaba imbabazi ku gitero cakozwe ku banyamakuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igisirikare ca Uganda, Jenerali David Rubakuba Muhoozi, yasavye imbabazi ku vyakozwe n'abasirikare ejo ku wa gatatu aho bakubise abamenyeshamakuru, abatari bake bakaba barahakomerekeye.
Ibi vyabereye imbere y'ibiro vy'umurwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu ku mugwa mukuru Kampala, aho umushingamateka Robert Kyagukanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine yari agiye kubonana n'uyo murwi ngo awereke ingene agateka ka zina muntu gahungabana mu gihugu.
Ishirahamwe ONU ririyamiriza ico gitero.
Jenerali Muhoozi avuga ko mu misi ibiri iri imbere bagiye gufatira ibihano abo basirikare bataye umurongo nk'uko bitangazwa na televiziyo NBS yo muri ico gihugu.
Ibi bibaye mu gihe impungenge zibandanya ziyongera ko reta ya Uganda iriko iratoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi inyuma y'intsinzi ya Perezida Yoweri Museveni mu matora aheruka yabayemwo impari nyinshi.
Amareresi yerekana abasirikare ba Uganda bariko biruka ku bamenyeshamakuru babakubita n'inkoni.
Bari barindiriye ko Bobi Wine abonana n'abarongoye uyo murwi kugira ngo asabe ko haba amatohoza kw'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu avuga ko ribandanya muri ico gihugu.
Aciye ku rubuga rwa Twitter, Bobi Wine yanditse ati:
"Uyu munsi twagiye ku biro vy'umurwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu i Kampala kugira ngo dutange urwandiko rwo kwiyamiriza inyuruzwa ribandanya, iyicarubozo n'ubwicanyi bukorerwa abnywanyi bacu. Igisirikare caari kirindiriye. Hanze y'irembo ry'ibiro vy'uyu murwi, bateye kandi bakubita abanyamakuru n'abatowe!
"N'agasuzuguro kenshi cane, bateye uwo ari we wese bashobora gushikira agakubitwa ata kigongwe. Bamenaguye ibiyo vy'imodoka zari zaduherekeje. Abatari bake bajanywe mu bitaro. Ariko Museveni ntashobora kuduhatira kwishikana".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
Bamwe mu bamenyeshamakuru bakomeretse cane mbere bamwe berekanwa bariko barava amaraso mu mutwe bafise n'ibikomere.
Jen. David Muhoozi avuga ko ivyabaye bibabaje, ata nsiguro bifise kandi ko atari bari batumwe gukora.
Ati: "Abamenyeshamakuru ntibashobora na rimwe kuba abansi b'igihugu. Muri abafatanyabikorwa bakomeye cane".
Avuga ko abakomeretse bazovuzwa.
Igipolisi coco gitangaza ko abajejwe umutekano bariko basanzaza ikoraniro ritemewe n'amategeko, kikavuga ko bibabaje kubona hari abanyamakuru bakomerekeye muri ico gikorwa.
Umugambwe wa Bobi Wine, National Unity Platform (NUP), umenyesha ko hari abanywanyi bawo batari bake babuzwe irengero ukavuga ko hari nababorejwe igufa aho bapfungiwe.
Bobi Wine w'imyaka 38, umunyamuziki yahindutse umunyapolitike, niwe yari akomeye cane mu bantu 11 bahiganywe na prezida Yoweri Museveni w'imyaka 76 mu matora aheruka muri ico gihugu yabaye ku wa 14 z'ukwa mbere 2021.
Ayo matora yatsinzwe na prezida Museveni ku majwi 58.64%, nayo Bobi Wine aza ubwa kabiri ku majwi 34.83% ariko ntiyemera ivyavuye mu matora, akavuga ko yabayemwo ubusuma, ibihakanwa n'umurwi ujejwe amatora muri Uganda.
Kuva ku munsi w'amatora, haraciye iminsi urugo rwa Bobi Wine rukikujwe n'abajejwe umutekano, ata wasohoka, ata winjira.
Yagiye gusohoka kw'itegeko rya Sentare nkuru y'ico gihugu yahavuye itegeka ko abasirikare n'abapolisi bava ku rugo rwiwe, maze nawe ashobora kuvugana n'abanyamakuru.










