Uganda: Abayoboke ba Bobi Wine bagirijwe gutunga amasase na sentare ya gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe hasigaye indwi imwe ngo habe amatora, sentare ya gisirikare ya Uganda yagirije abakozi b'uwitoza mu kibanza ca prezida, Bobi Wine gufatanwa amasase ane.
Ivyo bagirizwa vyerekana ko ayo masase ari ayo inkoho yo mu bwoko bwa AK-47.
Mu bashikanywe muri sentare harimwo umukuru w'abacungerera umutekano Bobi Wine, Edward Ssebuwufu.
Umuririmvyi Nubian Li, somambike wiwe bakaba banaririmbana, na we nyene ari mu barengukishijwe.
Bari mu bantu bashika hafi 100 bahagaritswe mu ndwi iheze mw'izinga rya Kalangala riri mu kiyaga Victoria. Ku musi wa mbere, bari bagirijwe kurenga ku mategeko yo kugwanya coronavirus na sentare ya gisivire, banemererwa gutanga ingwati.
Umushingwamanza wabo yari yabwiye BBC ko imodoka itwara abanyororo iza kubatwara muri sentare gushira umukono ku mpapuro zo kubarekura, hakubajana mu nyubakwa za gisirikare.
Kare kuri uyu wa gatanu, mu kiganiro c'inzego zijejwe umutekano cerekeye amatora, umukuru w'igipolisi ca Uganda, Martin Ochola yagabishije ko uwuzohirahira agatera akajagari ku biro vy'amatora, "azicuza igituma yavutse".
Abatavuga rumwe na reta bagumye bahamagarira abayoboke babo kuguma aho batoreye kugira bakurikirane iharurwa ry'amajwi, mu gihe hari ubwoba ko ashobora kwibwa.
Mu ntango z'iyi ndwi, akanama kajejwe gutegura amatora karasavye ko abaje gutora bahejeje, boca bava muri ivyo bibanza.










