Uganda 2021: Bobi Wine ati ‘Museveni ntiyari bwigere ahiganwa n'umuntu akomeye nkanje’

Bobi Wine yari yambaye imyambaro imukingira amasasu, ibitari bwigere biba mu myiyamamazo yiwe

Ahavuye isanamu, Facebook/Bobi Wine

Insiguro y'isanamu, Bobi Wine yari yambaye imyambaro imukingira amasasu, ibitari bwigere biba mu myiyamamazo yiwe

Umunyapolitike Robert Kyagulanyi Ssentamu azwi kw'izina rya Bobi Wine yahoze ari umunyamuziki ubu akaba ariko arwanira kurongora Uganda, avuga ko Perezida Yoweri Museveni atari bwigere ahura n'umuntu akomeye nkawe.

Bobi wine yavuze ivyo mu gihe yari asubiye gutangura ibikorwa vy'imyiyamamazo yari yabanje guhagarika, akaba yasubiriye kuvyugurura ku wa kane.

Yambaye Bobi Wine yari yambaye imyambaro imukingira amasasu, ibitari bwigere biba mu myiyamamazo yiwe, Bobi Wine yabwiye abanywanyi biwe ko kuva iki gihe, avugana nabo nka 'Bobi wine' atari Kyangulanyi kubera ari 'umupanga ufise ubugi impande zompi'.

Uyu mukuru w'umugambwe NUP avuga ati: "Mwarabonye Kyagulanyi bihagije, ubu rero ni igihe ca Bobi wine. Igihe barasa imodoka yanje, benshi bari bazi ko imyiyamamazo yanje ihagaze. Uwu ni umupanga ufise ubugi impande zompi. Ubu rero ndaje nka Bobi Wine".

Ati: "Mu gihe cose amaze ku butegetsi, imyaka 34 yose, Museveni ntiyari bwigere ahura n'umuntu bahiganwa akomeye nkanje, nico gituma ubutegetsi bwiwe buriko burajugumira".

Yongeyeko ati: "Perezida Museveni asigaje imisi 40 gusa ku butegetsi, kandi duhereye kw'itariki zine z'ukwa cumi na kabiri tumuharurira imisi yiwe izorangira ku musi w'amatora, ku wa 14 z'ukwa mbere 2021".

Mu myiyamamazo yiwe, Bobi Wine yemerera abanywanyi biwe Uganda nshasha izoha ikibanza nyaco abajejwe amagara y'abantu mbere n'agashahara kabo kakaduzwa, cane cane muri kino gihe igihugu gihanganye n'indwara z'ivyaduka, nk'umugera wa corona.

Ku wa gatatu w'iyi ndwi, Bobi Wine yari yahagaritse imyiyamamazo yiwe inyuma y'aho abamufasha muri ico gikorwa bakomerekejwe, imodoka yiwe nayo iraraswa.

Vyabaye ngombwa ko Bobi wine yishikira ku cicaro c'umurwi ujejwe amatora, aho yawusavye gukingira abari mu myiyamamazo canke n'aho 'abawugize batange imihoho'.