Uganda: Robert Kyagulanyi azwi nka 'Bobi Wine' yabaye ahagaritse kwiyamamaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Uganda, Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, yahagaritse imyiyamamazo yiwe, bivuye ko abamufasha muri ico gikorwa bakomerekejwe n'imodoka yiwe irononwa.
Uwo atavuga rumwe na reta yavuze ko harashwe amasasu ku modoka yiwe, amapine aratoboka, bituma adashobora kwiyunguruza.
Ama videwo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi n'abamufasha mu myiyamamazo yiwe, yerekana ikintu kitamenyekanye ico ari co, caturitse hirya ku metero zitari zike uvuye aho yari ari.
Imbere y'aho, mu karere ka Kayunga, mu buseruko bwa Kampala, hakoreshejwe ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abayoboke biwe.
Abamufasha mu myiyamamazo yiwe bane bakomeretse. Umwe azwi nka 'producer Dan Magic', yakomerekejwe mu maso.
Umwe mu bapolisi bacungera ubuzima bw'abariko baritoza batanzwe n'akanama kajejwe gutegura amatora na we nyene yakomerekejwe.
Mu ndwi zishika hafi zibiri ziheze, abantu 54 barishwe igihe abayoboke ba Bobi Wine bihereza amabarabara basaba ko arekurwa inyuma yo guhagarikwa n'igipolisi ari mu myiyamamazo.
Mu nyuma yagirijwe kurenga ku mategeko yo kwikingira ikiza coronavirus mu gukoranya abantu benshi, hanyuma aza kurekurwa atanze ingwati.

Abajejwe umutekano babandanije bamubuza kwiyamamaza co kimwe n'abandi banyepolitike batavuga rumwe na reta.
Mw'ijambo yashikirije igihugu ku munsi w'Imana, Prezida Yoweri Museveni yavuganiye igipolisi n'igisirikare, avuga ko ata munyepolitike n'umwe atavuga rumwe na reta ari ntibakorwako.
Imyiyayamazo yo kwitegurira amatora yo mu kwezi kwa mbere irashushe, mu gihe iriko yerekezwa ku mugwa mukuru Kampala.










