Uganda: Bobi Wine avuga ko Museveni ahanganye n'abanyagihugu bashonje kandi barakaye

Robert Kyagulanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine avuga ko Perezida Yoweri Museveni wa Uganda ahanganye n'abanyagihugu barakaye biteguriye gukora ico ari co cose gushika baronse ubwigenge bwabo.
Ibi yabivuze inyuma y'amasengesho yabaye ejo ku ngoro y'umugambwe w'uyu munyapolitike ahanganye na Perezida Museveni, basabira abaguye mu migumuko.
Niryo jambo rya mbere ashikirije kuri iyi migumuko inyuma y'umunsi umwe arekuwe vy'agateganyo.
Bobi Wine yahagaritswe n'igipolisi mu gatondo ko ku wa gatatu agira atangure imyiyamamazo, yagirizwa ko yarenze ku mabwirizwa yo kurwanya Covid-19 yashizweho n'umurwi ujejwe gutegura amatora.
Ihagarikwa ryiwe ryatumye haduka imigumuko yamaze iminsi ibiri igahitana abantu barenga 30.
Mw'ijambo ryiwe yashikirije, Bobi Wine yaryerekeje ku mukuru w'igihugu we nyene ubwiwe.
Avuga ko Museveni ahanganye n'abanyagihugu barakaye kandi kandi bashonje.
Ati: "Nta vyuka bikoroza amosozi n'aho vyoba bingana gute, canke ibikorwa vyo kubaboreza igufa bizoshobora kubahagarika".
Avuga ko Perezida Yoweri Museveni adashobora kumuhagarika mu rugamba rwiwe rwo kurondera gutsinda amatora yimirije.
Uyu munyamuziki yahinduye akaba umunyapolitike ahanganye na Perezida Museveni avuga ko ihohoterwa ryakorewe abanyagihugu muri ino ndwi ryerekana ububi bwa leta ya Perezida Museveni.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bobi Wine yabwiye abanywanyi biwe n'abo bafatanije kurongora umugambwe wiwe ati "amaraso y'inzirakarengane bishwe muri ino ndwi ntashobora kugira ubusa, ubutungane buzotegerezwa gukora".
Igipolisi kivuga ko abaguye muri iyo migumuko bashika 28, ariko ibinyamakuru vyo muri Uganda bishikiriza ibiharuro bitangwa n'ibitaro bikuru vya leta, aho bimenyesha ko hapfuye abantu 37.
Mu gatondo k'ejo ku wa gatandatu, ibimodoka vy'intambara vyarimwo abasirikare vyaramaze umwanya bigenzura akarere kari mu micungararo y'icicaro c'umugambwe wiwe.
Ku wa gatanu, Bobi Wine niho yarekurwa vy'agateganyo yagirijwe icaha co gukora ibikorwa bishobora gutuma ikiza karanda ca Covid -19 kirandagata.
Ashobora gutahira umunyororo w'imyaka ishika ku ndwi.
Hagati aho, uyu munyatugenegene akongera akaba umunyapolitike avuga ko yiteguriye gusubira mu myiyamamazo , aho ategekanya guhera mu burengero bwa Uganda kuri uyu wa mbere.










