Ethiopia - Tigray: 'Natakaje ikiganza canje igihe umusirikare yashaka kumfata ku nguvu'

A Photoshopped image showing a woman covering her face and holding up her other hand

Ahavuye isanamu, Getty Images

Icitonderwa: Hari bamwe bashobora kwumva ubwoba kubera amajambo ari muri ino nkuru

Umwigeme w'umunyeshure yiganiye BBC ingene yatakaje ikiganza ciwe ariko yirwanako igihe umusirikare yashaka kumufata ku nguvu - uyo musirikare akaba yaranagerageje gutegeka sekuru ngo amusambanye.

Haraciye amezi arenga abiri uyu mwigeme w'imyaka 18, tutashimye kuvuga izina, ari mu bitaro mu ntara ya Tigray aho ariko aravurirwa inyuma y'amahano yamubayeko.

Intambara ya Tigray - yadutse mu ntango z'ukwa cumi na rimwe 2020 igihe umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed agomora ingabo z'igihugu ngo zije gutuza umugambwe wari urongoye iyo ntara, TPLF, inyuma y'aho abarwanyi bawo bifatiye ibirindiro vy'igisirikare c'igihugu - yarishe indoto ziwe, co kimwe n'iz'abandi bana bigana.

Abenshi muri bo bahunganye n'abavyeyi babo, bahungira mu misozi - ibintu bikaba vyabandanije kuba nabi n'inyuma y'aho umushikiranganji Abiy atangarije ko intambara yaheze ingabo z'igihugu zifashe umugwa mukuru wa Tigray, Mekelle, ku wa 29 z'ukwa cumi na rimwe.

Ibi vyatumwe n'uko abajejwe umutekano baciye batangura urugamba rwo guhiga abanywanyi b'umugambwe TPLF bari banse kwishikana, ivyatumye abajejwe agateka ka zina muntu bavuga ko habaye ihonyangwa ry'agateka ka muntu ryakorewe ababa Tigray. Abategetsi bobo barahakana ivyo birego.

Uyu mwigeme na seruku bagumye muhira mu gisagara ca Abiy Addi kiri ku birometero 96km mu burengero bwa Mekelle, kubera batashobora gufata urugendo rwa kure.

Abantu benshi barataye izabo bava mu gisagara ca Tigray bahungira mu misozi mu gihe c'intambara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi barataye izabo bava mu gisagara ca Tigray bahungira mu misozi mu gihe c'intambara

Ku wa 3 z'ukwa cumi na kabiri, uyu mwigeme yavuze ko umusirikare yambaye impuzu z'igisirikare ca Ethiopia, yinjiye mu nzu yabo abaza aho abarwanyi ba Tigray bari.

Amaze gusaka inzu yose bakabura, yabategetse kuryama ku gitanda aca atangura kurasa iruhande yabo.

Ati: "Yaciye ategegeka sokuru ngo ansambanye. Sokuru yarashavuye cane hanyuma ....baca batangura kurwana".

Avuga ko uyo musirikare yaciye asohora uyu mutama aca amurasa ku bitugu no ku kuguru, hanyuma asubira mu nzu kuraba uyu mwigeme, aca amubwira ko yari yamaze kwica sekuru.

"Yambwiye ati 'Ubu nta n'umwe ashobora kugutabara. Ambura impuzu'. Naramutakambiye nti ambabarire ariko yabandanije ankubita".

Babandanije barwana mu kiringo c'iminota itari mike - n'aho yumva yataye umutwe kubera amakofe yakubiswe - mu nyuma uyo musirikare aterwa n'ishavu aca amurabishako inkoho aramurasa.

"Yarandashe ku kuboko kw'iburyo amasasu atatu. Yarandashe kandi ku kuguru amasasu atatu. Yagiye gusohoka yumvise amasasu hanze".

Ku gihamana ciza, sekuru yari agikomeye, n'aho yari yataye ubwenge, ariko bamaze imisi ibiri muhira n'ibikomere batekewe n'ubwoba kubera batinya gutabaza.

'Nta butungane namba'

Ivyashikiye uyu mwigeme bije bishimangira impungenge zashikirijwe n'intumwa ya ONU Pramila Patten akurikiranira hagufi ibijanye n'abafatwa ku nguvu mu gihe c'intambara, ko muri Tigray hari abafashwe ku nguvu.

Avuga ko hari "amakuru ateye ubwoba y'abantu bategetswe gufata ku nguvu abo mu miryango yabo kubera baterwa ubwoba ko bashobora kwicwa".

"Biravugwa ko hari abagore bategetswe n'abasirikare gusambanywa ku nguvu kugira ngo baronswe imfashanyo, mu gihe ibigo vy'ubuvuzi bimenyesha ko bironka ibitigiri binini vy'abantu benshi basaba imiti yo kwirinda imbanyi batifuza, abandi basaba gupimwa kugira barabe ko batanduye indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka, ibi bikerenaka ko hari ababa bafashwe ku nguvu mu gihe c'intambara".

Imigambwe itatu itavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tigray ivuga ko ubwicanyi ndengerabutungane n'ifatwa ku nguvu vyabaye "umugenzo wa misi yose", aho ivuga ko hari n'umugabo yategetswe gufata ku nguvu umukobwa wiwe bamurabishijeko umunwa w'inkoho.

Umuganga umwe hamwe n'umugore ari mu baharanira agateka ka muntu - bompi bakaba batashatse kumenyekana amazina - babwiye BBC mu kwa mbere ko bakiriye n'imiburiburi abakobwa 200 bari musi y'imyaka 18 ku bitaro n'amavuriro bitandukanye i Mekelle bavuga ko bafashwe ku nguvu.

Hafi bose bavuga ko ababikoze bari bambaye impuzu z'igisirikare ca Ethiopia - kandi ko mu nyuma batewe ubwoba ko batohirahira ngo baje kwa muganga.

Uyo muganga ati: "Bafise ibikomere. Bamwe bafashwe ku nguvu n'ikirwi c'abantu benshi. Umwe wewe yarugaranywe amara indwi yose ariko afatwa ku nguvu. Ubu nta n'uko aratora akenge. Nta gipolisi kihari, nta n'ubutungane buhari".

Uyu mukenyezi ari mu bajejwe agateka ka muntu avuga ati: "Twararonse n'ayandi makuru ateye ubwoba y'abafashwe ku nguvu mu bundi burere bwa Tigray. Ariko kubera ata buryo dufise bwo kwiyunguruza, twarananiwe no kubashikira. Birababaje cane".

Map

Uwundi muganga akora ku bitaro vya Mekelle avuga ko mu misi iheze yakira abagore batanu cane batandatu ku musi baja ku bitaro basaba imti yo kwirinda umugera wa SIDA n'imbanyi batipfuza bavuga ko bafashwe ku nguvu.

Weyni Abraha wo mw'ishirahamwe Yikono (Birahagije) riharanira agateka ka muntu i Tigray akaba yari i Mekelle gushika mu mpera z'ukwa cumi na kabiri, yabwiye BBC ko gufata ku nguvu biriko bikoreshwa nk'ikirwanisho mu gihe c'intambara.

"Abagore benshi barafashwe ku nguvu i Mekelle. Ibi bikorwa mu ntumbero yo guca ivutu abanyagihugu, kubatera ubwoba no kubakuramwo icipfuzo co kurwana".

Umukuru w'ibiro vy'igisirikare ca Ethiopia, Birhanu Jula Gelalcha, arahakana ibi bivugwa.

Yabwiye BBC ati: " Ingabo zacu ntizifata ku nguvu. Ni ababandi. Si ingabo za reta. Ingabo za reta zifise amategeko azigenga mu bikorwa vyazo".

Atakilty Hailesilasse, umukuru w'igisagara ca Mekelle aherutse kugenwa, avuga ko ibitigiri bitangazwa n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, atari vyo.

Mu misi iheze, reta yararungitse i Tigray umurwi ujejwe gukora amatohoza kuri ivyo birego, harimwo abakora mu bushikiranganji bw'abagore n'ubwo'amagara y'abantu hamwe n'abo mu biro vy'umushikirizamanza mukuru wa reta, bakaba baremeje ko habaye ibikorwa vyo gufata ku nguvu, n'aho icegeranyo cabo gushika ubu kitarashirwa ahabona.

Mu ndwi iheze, umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Ethiopia wavuze ko hari abantu 108 bafashwe ku nguvu mu mezi abiri aheze mu ntara yose ya Tigray.

Hagati aho, uremera ko "inzego z'akarere nk'igipolisi n'ibigo bijejwe amagara y'abantu aho abo bafashwe ku nguvu bari kwirukira ko zitakiriho".

'Nashaka kuba injeniyeri'

BBC yahamagawe n'umuganga yaciye ukuboko uyo mwigeme kugira ibwirwe ivyabaye i Abiy Addi.

Uyo mwigeme na sekuru wiwe baramubwiye ingene bagiye gutorwa n'abasirikare ba Eritrea bariko barasaka ako karere inyuma y'imisi ibiri bakorewe ivyo - n'aho Ethiopia na Eritrea vyompi bihakana ko Eritrea ata ruhara ifise mu ntambara ya Tigray.

Bavuga ko abo basirikare ba Eritrea babavuye ibikomere vyabo - hanyuma babashikiriza abasirikare ba Ethiopia baciye babatwara i Mekelle kubera ibitaro vya Abiy Addi vyari vyugaye.

Sekuru wewe yaramaze gukira ibikomere vyiwe, ariko umwuzukuru wiwe wewe aracavurwa kubera yaciwe ikiganza. Ukuguru kwiwe kuracariko isima.

Yaganiriye na BBC ari ku gitanda aho arwariye mu bitaro, akorora amosozi kubera indoto ziwe zapfuye.

Umwaka wa nyuma w'amashure yiwe imbere y'uko intambara yaduka, yari afise intumbero yo kuja kuri kaminuza kwigira ubu injeniyeri (ingéniorat) kugira ngo ashobore gufasha sekuru wiwe yamureze kuva nyina wiwe apfuye.

Sekuru, iruhande yiwe aho arwariye, yagerageza kumuhoza mu gihe yaturikisha akarira avuga ati: "Bizoshoboka gute? Ntibikinshobokeye kuba ico nashaka kuba".