Donald Trump 'yatandukanye na bamwe mu bamuburanira" imbere y'uko Senat imucira urubanza

Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump niwe mukuru w'igihugu mu mateka ya Amerika aterewe icizere incuro zibiri

Uwahoze ari umukuu w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yatandukanye n'abashingwamanza bamuserukira mu rubanza rumurindiriye mu nama nkenguzamateka, nk'uko ibinyamakuru vya Amerika bibivuga.

Bivugwa ko Butch Bowers na Deborah Barberi bafashe ingingo yo kwidohora biciye mu mwumvikano.

Urubanza rwa Trump aregwa gukokeza imigumuko rutegekanijwe gutangura ku wa 08 z'ukwa kabiri.

Abakenguzamateka basabwa kumucira urubanza ku vyo yagirizwa ko yakokeje imigumuko ku ngoro y'amakoraniro, Capitol, ya Amerika ku wa 06 z'uku kwa mbere, imigumuko yahitanye abantu batanu.

Greg Harris na Johnny Gasser, bahoze ari abacamanza b'igihugu bamuka muri Caroline du Sud, nabo nyene biyonjoroye, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Associated Press. Bivugwa ko ata gushaka bari bafise kwo gushigikira Trump ku vyo avuga ko yibwe amatora.

Josh Howard, umushikirizamanza wo muri Caroline du Nord na we nyene yari aherutse gushirwa mu murwi w'abashingwamanza ba Trump, na we nyene yiyonjoroye, nk'uko bivugwa na CNN.

Ubu ntibitomoretse neza abazoserukira Trump muri urwo rubanza.

Kuri aya makuru, umuhanuzi wa Trump, Jason Miller, yanditse kuri Twitter ati: "Tumaze gukora ibitari bike, ariko nta ngingo ntabanduka turafata ku murwi wacu w'abashingamanza, tukaba tugiye kuyifata vuba bwango".

Perezida Trump ni we mukuru w'igihugu muri kahise ka Amerika aterewe icizere n'inama nshingamateka incuro zibiri zose. Yaraterewe icizere n'inama nshingamateka mu 2019 yagirizwa amanyanga n'igihugu ca Ukraine, ariko inama nkenguzamateka iramweza.

Muri uru rubanza rw'ubu, yagirizwa kugumura akarwi k'abanywanyi biwe gaherutse gutera inyubakwa y'amakoraniro inyuma y'amajambo yagumye asubiramwo avuga ko yibwe amatora ariko ntabitangire ivyemezo.

Hagati aho, biragaragara ko n'ubu azokwezwa kandi.

Muri ino ndwi, abakenguzamateka b'Abarepubulika 45 kuri 50 baremeje ingingo isaba y'uko uru rubanza rutaranatangura rwohagarara ku mvo z'uko ata mukuru w'igihugu ashobora kubogozwa kandi yaramaze gushikiriza ubutegetsi.

Kugira ngo atsindwe n'urubanza, ni uko abakenguzamateka b'abarepubulika 17 bomukurako amaboko bagahamvya abandi 50 bo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrats) maze bakamukubita inahe mu gahanga, ivyotuma adashobora gusubira kwitoza.