US: Joe Biden asaba imbabazi kubera ukuntu ingabo zarara mu ma parikingi

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden yasavye imbabazi inyuma y'aho zimwe mu ngabo zijejwe umutekano w'igihugu zarungitswe ku ngoro y'amakoraniro, Capitol, bafatiwe amasanamu aberekana basinziririye mu ma parikingi.
Ingabo zirenga ibihumbi 25 zararungitswe i Washington DC kugira zicungere umutekano w'ibirori vy'irahira ryiwe inyuma y'imigumuko yadutse mu ntango z'uku kwezi.
Amasanamu yarakwiragijwe ku wa kane aberekana baryamye muri parikini hafi y'iyo ngoro abashingamateka n'abakenguzamateka bamaze kugaruka mu bikorwa.
Ibi bintu vyarateje uburakari mu banyaporitike, mbere ba buramatari bamwe baciye batumako izi ngabo kubera iyi myidogo.
Ibinyamakuru vya Amerika bivuga ko ejo ku wa gatanu, Perezida Biden yahamagaye umukuru w'ibiro vy'ingabo zijejwe umutekano mu gihugu (National Guard) amusaba imbabazi yongera amubaza icokorwa.
Umutambukanyi wa Perezida Biden, Jill Biden, na we nyene yaragendeye zimwe muri izo ngabo kugira azishimire ku gatwe kiwe, anazishira ibisuguti birugitswe na Maison Blanche/White House nk'agashimwe.
Ati: "Nipfuje kuza hano uno musi kugira ndabashimije mwese kubona mwarankingiye mukingira n'umuryango wanje".
Ku wa kane, amasanamu yerekana amajana n'amajana y'izi ngabo ziryamye muri parikingi yarakwiragijwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi, ivyateye uburakari.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abenshi barerekanye impungenge ku mibereho y'izo ngabo, aho zashizwe mu myotsi, batanahawe n'ivya ngombwa bikenewe nk'ubwiherero, inyuma y'iminsi myinshi bamaze barikanuye.
Hari amakuru adatomoretse ku mpamvu zatumye izi ngabo zikurwa kuri Capitol, ariko benshi babwiye ibinyamakuru vya Amerika ko itegeko ryaje ku wa kane inyuma y'umutaga ata nsiguro zitanzwe.
Aya masanamu yaberekana bari mu buzima bubi yatumye kandi haba ubwoba ko ikiza ca coronavirus gishobora gukwiragira muri izo ngabo zijejwe umutekano w'igihugu.
Ejo ku wa gatanu, umutegetsi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko hagati ya 100 na 200 muri izo ngabo zarungitswe muri ico gikorwa zapimwe zigasanga zaranduye Covid-19. Ibi biharuro, n'aho bishobora kuba ari bito cane ku 25.000 c'izo ngabo zarungitswe muri ico gikorwa, ntibiremezwa icese.
Ayo masanamu yerekana izo ngabo ziryamye muma parikingi amaze gukwiragizwa, abashingamateka n'abakenguzamateka baridoze cane babicishije ku mbuga hwaniro, mbere bamwe muri bo bazihebera ibiro vyabo kugira zishobore kuruhukiramwo.
Mu nyuma, hahavuye hafatwa ingingo ko zisubizwa kuri Capitol.
Ron DeSantis, buramatari wa Florida, ni umwe muri ba buramatari bavuga ko bategetse ko ingabo zavuye mu mareta yabo zitahukanwa inyuma y'iyo myidogo.
Yabwiye ikinyamakuru Fox News ejo ku wa gatanu ati: "Iki ni igikorwa kitateguwe neza, rero icoba ciza ni ukubatahukana".
Chuck Schumer, umu Democrat kandi akaba ari we arongoye nyarwinshi mu nama nkenguzamateka, avuga ko iyi ngingo "yateye uburakari", aca yiyemeza ko "ibi bitazigera bisubira kuba".
Umukenguzamateka Roy Blunt yabwiye ikinyamakuru Politico ko umurwi ujejwe amategeko mu nama nkenguzamateka na wo nyene uriko urakora amatohoza kuri iki kibazo.
Ejo ku wa gatanu, itangazo riteweko igikumu n'umukuru w'ingabo zijejwe umutekano w'igihugu hamwe n'umukuru w'igipolisi gicungera umutekano w'ingoro y'amakoraniro ya Amerika Capitol, rivuga ko bakoranye kugira ngo abakorera kuri Capitol "baronswe ibibanza bikwiriye" kugira ngo bashobore kuruhukiramwo.
Bavuga kandi ko ingabo zaba ziri mu karuhuko zafatiwe ivyumba mu mahoteri canke mu zindi nyubakwa, banakengurukira abashingamateka n'abakenguzamateka ku kungene bazitayeho.
Mu misi iza, vyitezwe ko abagera ku 19.000 muri izi ngabo bazosubizwa mu mareta baje bavamwo, nayo hafi 7000 bakaba bitezwe kuzoguma i Washington, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru New York Times.










