Nyamugigima yahitanye abaharurwa muri mirongo muri Indonesia

Nyamugigima ikomeye cane yahitanye abantu n'imiburiburi 42 mw'izinga Sulawesi rya Indonesia, hakaba hari ubwoba ko hari abandi benshi bahasize ubuzima mu gihe abajejwe ubutabazi babandanya barondera abandi.

Abaharurwa mu majana barakomeretse abandi baharurwa mu bihumbi nabo barata izabo.

Indonesia ifise kahise karanzwe na za nyamugigima n'ibihuhusi vya tsunami, aho iyaheruka yari nyamugigima ya 2018 yahitanye abantu barenga 2000 mu 2018.

Ejo ku wa gtanu, abantu umunani nibo bapfuye igihe ibitaro vyitwa Mitra Manakarra biri ahitwa Mamuju vyabomoka ,nk'uko abategetsi babivuga. Hafi 60 barashoboye kurokorwa bavanwa muri ivyo bitaro.

Umuvugizi w'igiporisi muri ako karere, Syamsu Ridwan, yabwiye BBC ati: "Vyabaye mu kanya isase, nko mu misegonda cumi gusa". Avuga ko umuyagankuba muri ivyo bitaro wacitse igihe iyo nyamugigima iba.

Abategetsi bavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kurenga kure n'iyo mu gihe ibikorwa vy'ubutabazi no kurondera abandi bikibandanya.

Ejo ku mugoroba, abajejwe ubutabazi bari bakirondera aboba bagihema, ariko ivyo bikorwa bikaba bibangamiwe n'icikagurika ry'umuyagankuba hamwe n'amaterefone ngendanwa adakora.

Umukuru w'ico gihugu asaba abanyagihugu kuguma batekanye, nayo abajejwe ubutabazi akabasaba kwongereza inguvu mu bikorwa vyo kurondera aboba bagihema.

Iyo nyamugigima yatanguriye ku birometero bitandatu uvuye mu igisagara ca Majene mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu, ikaba yashitse ku birometero 10.

Ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana amazu yabomaguritse n'umukobwa yazibiriwe mu bihomoka ariko aratabaza.

Dr. Gayatri Marliyani, umuhinga mu bijanye n'isi (géologue) kuri kaminuza ya Gajah Mada mu ntara ya Yogyakarta, yabwiye BBC ko "ibintu vyifashe nabi cane". Avuga ko ibiro vya buramatari biri mu mazu yabomotse, kandi ko inyubakwa z'ibitaro n'amahoteri zitari nke zononekaye.

Agabisha kandi ko ikiza ca coronavirus gishobora kubangamira utwigoro two kugarukira ku bahuye n'iyi nyamugigima.