US yasubije igihugu ca Cuba ku rutonde rw'ibihugu bifasha iterabwoba kw'isi

Old Havana, Cuba

Ahavuye isanamu, EPA

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasubije Cuba ku rutonde rw'ibihugu bifasha iterabwoba kw'isi, afatiye ku ngendo y'iki gihugu c'abakomunista yo gushigikira Venezuela.

Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump butangaje iyi ngingo mu gihe hasigaye imisi imparurwa ngo ave muri Maison Blanche/White House.

Mu gihe yiteze gushikirizwa ubutegetsi ku wa 20 z'uku kwa mbere, umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden yaravuze ko yipfuza gukomeza imigenderanire hagati ya Amerika na Cuba.

Cuba ivuga ko iyi ngingo "ifise imvo za politike".

Biden avuga ko ariko ararondera ubucuti bwa hafi n'iki kihugu camaze imyaka itari mike gihanganye na Amerika, ariko rero iyi ngingo ya Trump ikaba ije gusa n'iyibangamira utwigoro two kunagura iyi migenderanire.

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ivyo gushira Cuba kuri uru rutonde ari ibintu bishobora gufata amezi kugira ngo vyemezwe.

Iri zinga ryo mu mazinga ya Karayibe ryari ryakuwe kuri uru rutonde na Perezida Barack Obama mu 2015, ariko Trump akaba yahavuye afata ingendo itoroshe na gato ku bijanye n'iki gihugu.

Igihe bariko barasigura iyi ngingo, abategetsi bavuga ko yafashwe kubera Cuba ishigikiye umukuru w'igihugu ca Venezuela, Nicolas Maduro, atemerwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mw'itangazo ryiwe ejo ku wa mbere, umunyamabanga wa Reta, Mike Pompeo, yavuze ati: "Muri iyi ngingo, reta ya Cuba itegerezwa kuvyishura kandi ihabwe ubutumwa: ubutegetsi bwa Castro butegerezwa guhagarika gufata mu mugongo iterabwoba mpuzamakungu kandi ikareka kugarariza ubutungane bwa Amerika".

Mu nyishu yatanze, umushikiranganji w'imigenderanire wa Cuba, Bruno Rodriguez, yanditse kuri Twitter ati: "Turiyamirije iyi ngendo y'ukwikunda n'ubwibone mu gufata ko Cuba ari igihugu gifasha iterabwoba nk'uko vyatangajwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika".

Mu 2016 Barack Obama yabaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika agendeye Cuba kuva mu 1928

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Mu 2016 Barack Obama (i buryo) yabaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika agendeye Cuba kuva mu 1928

Imbere y'uko iyi ngingo itangazwa, umushingamateka w'umu Democrate, Gregory Meeks yayise ko ari "akandi kigoro ka Perezida Trump na Pompeo, ko kugerageza kubohera amaboko imugongo ubutegetsi bwimirije bwa Biden mu gihe bariko baragenda".

Mu nteguro za Biden harimwo kwemerera Abanyamerika bakomoka muri Cuba gushobora kugendera imiryango yabo no kuyirungikira amahera.

Perezida Obama yatanguye kunagura imigenderanire na Cuba mu 2015. Ico gihe yavuga ko utwigoro twa Amerika twamaze imyaka mirongo two kugerageza gukumira iki gihugu "ataco twashitseko".

Kuva muri ca gihe c'intambara y'ukwikekana (Guerre Froide/ Cold War), Amerika yabandanije ifata ingingo zitandukanye zo gukumira Cuba yafata nk'umwansi rutura.

Ubu rero Cuba ihambije ibindi bihugu biri kuri uru rutonde rw'ibihugu bifasha iterabwoba, harimwo Irani na Koreya y'Uburaruko.

Mu ngaruka z'iyi ngingo kuri iri zinga, harimwo igabanuka rikomeye ry'abashoramitahe mpuzamakungu muri ico gihugu.