Donald Trump yababariye abakozi b'ishirahamwe Blackwater ryo muri US bakoze ubwicanyi muri Irak

The 2007 incident in Baghdad's Nisoor Square caused an international outcry

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubwicanyi bwabereye mu kibanza ca Nisoor i Baghdad bwaratewe ivyatsi n'amakungu

Prezida wa Amerika Donald Trump yagiriye ikigongwe abahoze bajejwe umutekano mw'ishirahamwe Blackwater bari bahamwe n'icaha co kugira uruhara mu bwicanyi bwahitanye abasivire 14 bo muri Irak mu 2007.

Nicholas Slatten, Paul Slough, Evan Liberty na Dustin Heard barashe mu kibanza ca Nisoor I Baghdad igihe bari baherekeje urukurikirane rw'imodoka z'abadipolomate ba Amerika.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu bivuga ko ikigongwe bagiriwe gishigikiwe n'abanyagihugu hamwe n'abanyamategeko.

Ariko se w'umwana w'umuhungu yishwe ico gihe yavyise "ibiterasoni", abaharanira agateka ka zina muntu na bo bavuga ko Trump "yishize hasi cane ku rugero rutari bwaboneke".

Nta co reta ya Irak yashotse ibivugako.

Habaye iki mu kibanza ca Nisoor?

Slatten, Slough, Liberty na Heard bari mu bajejwe umutekano 19 b'ishirahamwe Blackwater bari bahawe akazi ko gucungera urukurikirane rw'imodoka zine zitamenwa zari zitwaye abakozi ba Amerika itariki 16 z'ukwezi kw'icenda mu 2007.

Nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Amerika, mu gitondo c'uwo musi, benshi muri abo bajejwe umutekano barasiye rimwe mu kibanza ca Nisoor no mu micungararo yaco, ihuriro ry'amabarabara ryegereye ikibanza gicunzwe cane ca Green Zone.

Bahagaritse kurasa, abantu boba bashika 14 b'abasivire bari bahasize ubuzima - abagabo 10, abapfasoni 2 hamwe n'abana b'abahungu 2 bafise imyaka icenda na 11. Abategetsi ba Irak bo bavuga ko hapfuye 17.

Ubashikirizamanza ba Amerika bavuze ko Slatten ari we yarashe ubwa mbere, atawumusotoye, yica Ahmed Haithem Ahmed Al Rubiay, yari yimirije kuba Dr yari mu modoka atwaye nyina wiwe kw'isango yari afise.

Abo bakozi ba Blackwater bavuga ko bihenze bibaza ko batewe.

Ubwo bwicanyi bwaratewe ivyatsi n'amakungu, bizana agatosi hagati y'imigenderanire iri hagati ya Amerika na Irak, bituma haba n'impari ku ruhara rw'amashirahamwe y'abajejwe umutekano mu bibanza biberamwo intambara.