Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
France: Hatanguye ubushakashatsi bwo kwongerereza inguvu umubiri w'abasirikare
Igisirikare c'Ubufaransa catanze uburenganzira bwo gutangura ubushakashatsi bwo gukora umusirikare yongerejwe inguvu mu mubiri ('enhanced soldiers').
Icegeranyo kirerekana ingene ivyo bikorwa hamwe n'ubundi buhinga bwashizweho kugira hongerezwe inguvu ku rubuga rw'intambara muri kazoza.
Ico cegeranyo kivuga ko ibindi bihugu biriko birihweza uburyo nk'ubwo, Ubufaransa na bwo butegerezwa gukurikira iyo nzira.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Florence Parly yavuze ashimitse ko bikenewe ko baraba muri kazoza.
Mw'ijambo yashikirije mu ndwi iheze, yavuze ko Ubufaransa budategekanya gukoresha ubwo buhinga mu bitero ubu vuba. Yavuze ati: "Dutegerezwa guhangana n'uko ibintu vyifashe."
"Abantu bose ntidusangiye uko tubona ibintu, dutegerezwa kwitegurira ivyoshika vyose muri kazoza."
Parly yavuze ko "uburyo bwo kugumana ubushobozi bwacu bukomeye mu bikorwa tutiyibagije akaranga kacu" butegerezwa kwihwezwa.
Ido n'ido ry'ico cegeranyo cakozwe n'umugwi ujejwe akarangamutima ka gisirikare ryashizwe ahabona ku musi wa kabiri.
Kigabisha ko "abantu bagumye barondera uburyo bokwongereza inguvu n'ubundi bushobozi mu kugwana intambara. Intambwe zishoboka gutuma haba ukwongereza ububasha mu mibiri y'abasirikare."
Ico cegeranyo cerekana ubushakashatsi bwakozwe ku gahimba (implants) "kwongereza ubushobozi bw'ubwonko" canke gafasha abasirikare kumenya umwansi ari mu bo bafatanije urugamba.
Ibi kandi bishobora gufasha abarongoye urugamba kubona aho bari no gusoma ibimenyetso vyabo bari kure.
Iyo nyandiko ivuga ko, gushiraho umurongo ngenderwako cabaye "ikintu nkenerwa".
Ivuga ko ivyari bimenyerewe gukorwa bitegerezwa guhagarikwa, co kimwe n'ikintu cose "gishobora kubangamira umusirikare mu mibano canke asubiye mu buzima bwa gisivire."
Mw'ijambo ryiwe, Parly yavuze ko mu buzima bw'abasivire, ugushira akantu (implants) mu mubiri biriko biriyongera ku rugero runini.