Madagascar: Abantu 'barya ivu rivanze n'icamwa c'ishamba' kubera uruzuba

Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rivuga ko abantu bo mu bumanuko bwa Madagascar bariko bararya ivu rivanze n'icamwa co mw'ishamba (cizwi nka tamarind) mu kwivuna inzara, mu gihe uruzuba rwononye ibiterwa mbumbarugo muri ako karere.

AFP isubiramwo amajambo y'umurimyi Doday Fandilava Noelisona agira iti: "Turyita ivu [igitaka mu Kinyarwanda] ry'ubukiriro kuko rifasha mu kumira ico camwa ca 'Tamarind' kirura, mu kwivuna inzara."

"Muri iyi minsi ntiturondera imfungurwa zo kutubeshaho, ahubwo turondera uburyo bwo kuzuza umushishito ugaragara [urimo ubusa]."

'Cactus', ibindi vyamwa vyo mw'ishamba abantu bari basanzwe bikorako, na vyo vyarumye kubera ibura ry'imvura.

AFP irasubiramwo amajambo y'uwundi murimyi, Avianay Idamy, yavuze ko yatanguye kudandaza amakara kugira aronke amahera akwiye yotuma umuryango wiwe ushobora kurya umutsima rimwe ku munsi.

Ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi (PAM/WFP) rivuga ko abantu umuliyoni n'igice bo mu karere ko mu bumanuko bwa Madagascar bakeneye imfashanyo y'ibifungurwa vyihuta.

Si ubwa mbere ako karere gaterwa n'uruzuba nk'urwo.

Mu 2016, ONU yamenyesheje ko abantu bababa umuliyoni n'igice bo mu bumanuko bwa Madagascar bageramiwe na kigoyi kubera uruzuba rwinshi rwatewe n'ihindagurika ry'ibihe hamwe n'iciswe 'El Nino'.

ONU ikaba yavuze ko umwimbu w'ibigori wagabanutse ku bice mirongo umunani kw'ijana muri uwo mwaka, ibindi biterwa mbumbarugo birimwo nk'imyumbati bikaba bitapfa kuboneka.

Icegeranyo ca ONU cagira kiti: "Abantu bariko barikora ku mbuto, kugurisha ivyo batunze hamwe n'ibikoresho bakoresha mu burimyi eka mbere n'ibiribwa vyo mw'ishamba."