Guinea: Alpha Condé ni we yatsinze amatora yaranzwe n'imidurumbanyo

Ahavuye isanamu, AFP
Alpha Condé yatsinze amatora y'ikiringo ca gatatu cateye impari muri Guinea, yaranzwe n'imidurumbanyo mu gihugu cose, nk'uko ibiharuro vya mbere bivyerekana.
Akanama kajejwe gutegura amatora kavuze ko uwo muprezida w'imyaka 82 yaronse amajwi angana na 59.5%.
Iyo ntsinzi iracakeneye kwemezwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.
Uwo bari bahanganye muri ayo matora, Cellou Dalein Diallo, yavuze ko ashobora kwiyamiriza ivyayavuyemwo, avuga ko yabayemwo ubusuma bwinshi.
Ibinyamakuru vyo muri Guinea bivuga ko abantu boba bashika 30 bapfuye kuva ayo matora abaye ku munsi wa mungu.
Akanama kajejwe gutegura amatora kavuga ko Diallo w'imyaka 68 yaronse amajwi angana na 33.5%.

Diallo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati: "Tuzoja kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ku vyerekeye ico kibazo, ariko nta kinini tuyitezeko."
Alpha Condé avuga ko amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kwa gatatu yamuhaye uburenganzira bwo kwitoza, n'aho itegeko ryamurekurira ibiringo bibiri gusa.

Ahavuye isanamu, AFP
Abamugwanya bamwagiriza guhonyanga amategeko mu gushaka kwibohera ku butegetsi.
Abantu barenga mirongo ibiri barahasize ubuzima inyuma y'aho Condé amenyeshereje ko ashobora gusubira kwitoza.
Amasase yarumvikanye mu gisagara ca Conakry ku munsi wa gatanu, inkuru zashikiriye BBC zikaba zavuga ko igisirikre cari cahamagawe gufasha igipolisi mu gucungera umutekano.
Abapolisi batatu barasize ubuzima mu mishamirano yo ku wa gatanu nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vyo muri Guinea.
Itumatumanako hakoreshejwe umurongo wa telefone ntiryari ryifashe neza mu gihe internete yo yari yacitse.
Ababibonye babwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko habaye urufaya rw'amasase i Sonfonia mu micungararo ya Conakry, uwuhaba akaba yavuze ko igipolisi carashe hejuru mu gushwiragiza abari mu myiyerekano.










