Burundi: Ijambo rya Angeline Ndayishimiye ku kungana kw'umgore n'umugabo ryateje impari

Angeline Ndayishimiye Ndayubaha

Ahavuye isanamu, Mashariki TV

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi Angeline Ndayishimiye Ndayubaha yavuze ko "kungana kw'abagore n'abagabo bitazokwigera biba" mu Burundi.

Ni ijambo ritavuzweko rumwe ku mbuga hwaniro, bamwe bashigikira iciyumviro ciwe abandi bavuga ko gisubiza inyuma utwigoro two gukuraho ubusumbane hagati y'abagabo n'abagore.

Yashikirije ico ciyumviro ku wa gatanu uheze mu biganiro vyo gutanguza "inama y'abakenyezi mu buyobozi" mu Burundi.

Umupfasoni Ndayubaha yavuze ko iyo nama ifise intumbero yo "kuraba ingene umurundikazi yofashwa mu kwiteza imbere, irondoka mu bijyanye n'amagara meza, no kurwanya coronavirus".

Mw'ijambo yashikirije mu kwugurura iyo nama, yumvikana ashigikiye kungana kw'abagore n'abagabo aho agira ati:

"Twibukanye ko Imana yahaye ubwenge umugabo yabuhaye n'umukenyezi. Umukenyezi afise ubwenge n'ubushobozi bwo gukora ibikorwa vyose umugabo ashobora gukora."

Mu mashusho yashizwe kuri YouTube n'urubuga Mashariki TV, mu nyuma y'ijambo ritanguza inama, mu biganiro ku ngingo y'umubano w'abubakanye, umupfasoni Ndayubaha yumvikana avuga ku bijanye no kungana hagati y'abagore n'abagabo.

Aho agira ati: "Ntaho bizokwigera biba, ntaho vyigeze biba, kandi ntibizokwigera biboneka."

Atanga urugero rw'imirimo isaba inguvu (avuga gufungura icupa ry'amazi) ko abakenyezi bakunda gusaba abagabo ko aribo babikora.

Ati: "Ako ni akarorero gatoyi kerekana ko ibintu vyo kungana abagabo n'abagore banza muvyibagire mu gihugu c'Uburundi, ivyo ntaho bizokwigera biba, niho kutubanaha bitangurira."

Ishirahamwe ry'Abarundikazi Mouvement des Femmes et Filles pour la Paix & la Sécurité (MFFPS) ryanditswe muri Canada rivuga ko rifise abanywanyi henshi kw'isi no mu Burundi, riranegura ivyashikirijwe n'umupfasoni Ndayubaha.

Rivuga ko biteye kubiri n'ibwirizwashingiro ry'Uburundi mbere n'amategeko mpuzamakungu avuga ko "abantu bose bavuka bangana imbere y'amategeko".

Intambwe 'isubiza inyuma'

Sophie Shima, umuvugizi wa MFFPS yabwiye BBC ko bibabaje kuba ivyiyumviro nka biriya vyashikirijwe n'umuntu wo ku rwego rwo hejuru cane mu gihugu.

Umupfasoni Shima agira ati: "N'ubwo yabanje kuvuga ko ashigikiye guteza imbere ukungana hagati y'abagabo n'abagore, icadutangaje ni uko mu nyuma yavuze ibitandukanye.

"Kuri twebwe ni ukwivuguruza muvyo avuga, ni ibintu bitumvikana kandi bishira mu kibazo inzira igana ku kungana hagati y'abagabo n'abagore".

Umupfasoni Shima avuga ko ingaruka y'ijambo nka rirya ari uko ryumvwa n'abantu benshi cane kandi bakaryubahiriza.

Ati: "N'uwutize azumva ko 'premiere dame' yavuze ko ibintu bitazohinduka... abagabo bagirira nabi abagore babo, ni vyiza ko atari bose, bashobora gushingira kw'ijambo nka rirya ryavuzwe n'umuntu akomeye bakabandanya."

Itangazo ry'ishirahamwe MFFPS rivuga ko ivyashikirijwe n'umupfasoni Ndayubaha bisubiza inyuma urugendo rwo kungana hagati y'abagabo n'abagore.

Rigira riti: "Mu myaka myishi, Abarundikazi barwanye urugamba rwo kubona agateka kabo, harimwo n'ako batararonka uyu munsi, nk'uburenganzira bwo gutorana (succession), bikomeza kwerekana ubusumbane bukomeje hagati y'umugabo n'umugore mu Burundi".

BBC yagerageje kuvugana n'abajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu ku bivugwa n'ishirahamwe MFFPS kw'ijambo ryashikirijwe n'umupfasoni Angeline Ndayishimiye ariko ntivyashobotse.