Abagore bamwe mu Burundi barifuza kuba bokora umwuga wo kuroba amafi ariko ntibikunde

Umugenzo ubuza abagore gukora akazi k'uburovyi mu Burundi woba uva kuki? Iki ni ikibazo abatari bake bakunze kwibaza ntibaronke inyishu.
BBC yagerageje kumenya ico bivako ica ivugana na bamwe mu barovyi bakorera mu kiyaga Tanganyika na bamwe mu bagore badandaza indagara mu micungararo yaho.
Umwe muri abo bagore ni Yolande Hakizimana afise imyaka 37 ari mu bagore bake bubahuka kuvugira ku mu garagaro ibijanye n'ingene abagore batemererwa kuroba.
Abagabo b'abarovyi bakunze gusigura ko umugore agiye mu bwato ifi zica zihunga, abandi bakavuga ko iyo ari mu butinyanka canke yibungenze ho adashobora no kwegera ikiyaga.

Ivyo vyose Yolanda abona ko ari ukutamenya kw'abagabo.
Yipfuza ko bobareka bakaroba bakanahabwa uburenganzira bwo kwiyegeranya mu mashirahamwe.
Yagize ati: "Birababaje kubona abagabo bavuga ko umugore agiye mu kiyaga canke mu bwato bituma ifi zihunga. Ivyo bijanye n'imiziro hamwe n'imiti bakoresha. Twebwe ubwato tubwamamwo tugiye muri Kongo kandi nta ngorane n'imwe iraba.
"Turakeneye kuroba. Nibatureke dukore uwo mwuga kuko turafise inguvu n'amaboko. Zirya nguvu dukoresha mu kurima nizo twokoresha mu kuroba".
Abagabo ntiberekwa ivyiyumviro vy'abo bagore. Benshi bagaruka ku miziro ifatiye ku butinyanka, ku mbanyi, no ku gitsina gore ubwaco

Abahinga babivugako iki?
BBC yashatse kumenya ico iryo kumira ry'abagore rivako maze yegera Emile Mworoha, umwigisha wo muri za kaminuza yanonosoye ivya kahise.
Mu nsiguro ziwe, uwo muhinga yibutsa ko kahise k'u Burundi kajanye n'ibizira kuzuyemwo imiziro myinshi.
Agira ati: "Umwuga wo kuroba ni umwuga ugoye cane kubera uba mw'ijoro. Urumva rero vyogora ko umugore aja gukora akazi nk'ako mu kiyaga ahetse n'umwana.
"Vyotera ingorane nyinshi. Kandi noneho wihweje imico n'imigenzo y'u Burundi, usanga imiziro yerekeye abagore ari myinshi. Utundi turorero nokubwira ko mu mico y'ikirundi ata mugore asakara inzu, canke akora akazi k'ubuyangayanga".
Mu Burundi abagore basigaye baboneka cane mu bisata vy'akazi gasaba inguvu nk'igisirikare, igipolisi n'ibinidi. Ariko igisata co kuroba ntikirabugurukira.










