Akarere ka Afrika y'Ubuseruko gashobora guterwa n'Imiyaga y'ibihuhusi

Igihuhusi Maria mw'ibahari Atlantiki

Ahavuye isanamu, NASA

Abajejwe ibirere baragabisha ko kuva uno munsi ku wa kane akarere ka Afrika y'Ubuseruko gashobora guhura n'ibibazo vy'ibihuhusi bikomeye.

Ibitari bike bishobora kwononekara, amazu akabomoka ayandi agatakaza ibisakazo, abategetsi bagasaba abanyagihugu kumera magabo.

Sibwo bwa mbere ako karere kzizirwa n'ibihuhusi. Mu mwaka uheze, imvura ivanze n'ibihuhusi yaronoye ibitari bike mu bihugu vy'ako karere mbere n'abantu barahasiga ubuzima.

Nk'uko bivugwa n'abajejwe ibirere muri ivyo bihugu, ivyo bihuhusi biturutse ku miyaga myinshi yibonekeza mu gice c'ubumanuko bw'ibahari Indiano.

Itangazo ryaraye risohowe n'igisata kijejwe ibirere mu Rwanda, rigabisha ko intara zo mu bumanuko no mu buseruko bw'ico gihugu zishobora kubangamirwa kuva mw'ijoro ryakeye, n'ibihuhusi bifise umuvuduko wa metero hagati ya 8 na 13 kw'isegonda.

Igisata kijejwe ibibere kigabisha ko ibintu bishobora kwononekara muri ubwo burere buzokwizizirwa n'iyo miyaga , kigasaba ko hafatwa ingingo zo gukingira ubuzima bw'abanyagihugu.

Abategetsi b'ico gihugu basaba abanyagihugu "gucomora ibikoresho bikoresha amashanyarazi kugira ngo imiyoboro y'amashanyarazi iramutse iguye canke umuriro ukagenda ugaruka bidaturirwa, mbere bigashobora no guteza imiriro".

Basaba kandi "kwirinda gusohoka hanze kwikinga ku biti canke ibindi bishobora guteza impanuka", maze ababa mu mazu adafise "ibisenge bikomeye guhungira ku babanyi bafise izikomeye mu gihe bokwumva umuyaga mwinshi ushobora gutwara igisenge".

Eka n'igihugu ca Kenya kiragabisha abanyagihugu baco, cane cane abatuye mu burere bwereye ibahari Indiano ko bomera magabo, aho kuri uyu wa kane hitezwe ico gihuhusi kiri ku muvuduko wa metero 15.4 kw'isegonda.

Abajejwe ibirere muri ico gihugu bavuga ko iyo miyaga ishobora gukomera cane kuva ejo ku wa gatanu, aho ishobora no gushika kuri metero 20 ku musegonda.

Basaba abnyagihugu kwama babanze amatwi, bagakurikirana umwanya ku mwanya ibinyamakuru kugira ngo bame baronka amakuru agezweho.

Muri Tanzania naho nyene abajejwe ibirere bagabisha ko ico gihuhusi gishobora kwizizira akarere kose gahana urubibie n'ibahari Indiano, mbere kikanashika no mu bindi bice vyo mu burengero n'uburaruko bw'ico gihugu.

Mu mpera z'umwaka uheze wa 2019, ibihugu vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko karatewe n'imyuzurira yahitanye abantu n'ibintu, abantu baharurwa muri za miliyoni nabo basigara mu kangaratete.

Kenya niyo yasinzikaye cane gusumba. Hampande y'abahasize ubuzima, amazu yarabomaguritse, imirima iratwarwa, amabarabara arabomoka.