Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus – Burundi: muri rya sekeza 'Ndakira, sinandura kandi sinanduza', 67 baranduye
Mw'isekeza ryo gupima umugera wa coronavirus rimaze indwi mu gisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi bumenyesha ko abantu bashika 67 aribo basanze baranduye, mu barenga 3200 bapimwe.
Kuva uwo mugera umenyekanye mu gihugu, igitigiri c'abamaze kuwandura gushika ubu kikaba ari 269, muri bo 207 bakaba barayikize, nayo 61 bakaba aribo bakiyirwaye.
Umwe niwe amaze guhitanwa n'uwo mugera, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya ikiza SIDA.
Ku munsi wa mbere w'indwi iheze, niho iryo sekeza ryataziriwe, "Ndakira, sinandura kandi sinanduza" ryatangura, ibigo bitatu bikaba ari vyo vyakira abaje kwipimisha mu gisagara ca Bujumbura imbere y'uko gitangura hagati mu gihugu.
Icegeranyo nkonganirizahamwe gihejeje gutangwa n'umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi, Dr Jean-Bosco Girukwishaka, abicishije ku rubuga rwa Twitter, cerekana ko gushika uno munsi abantu 6697 ari bo bamaze gupimwa umugera wa Covid-19 kuva utangajwe muri ico gihugu, hari ku wa 31 z'ukwa gatatu 2020.
Mu ndwi iheze, abitavye iryo sekeza bakaba bageze ku 4553, muri bo 3309 bakaba ari bo batowe kugira ngo bapimwe, hakaba hamaze gupimwa 3263.
Iryo sekeza rizomara amezi atatu rizotuma leta imenya ingene indwara ya Covid-19 yifashe mu gihugu, nk'uko bishikirizwa na Dr. Girukwishaka
U Burundi bwaragirijwe ko bwafashe minenewe uwu mugera, mbere amashirahamwe amwe amwe akaba yabwagiriza ko butanga ibiharuro bitari vyo, ibirego abategetsi bamirira kure.
Hagati aho, kva Perezida Evariste Ndayishimiye ashikirijwe amabanga yo kurongora igihugu, kimwe mu bibazo nkoramutima yatangaje ko agiye guhangana navyo vuba bwango ni ikiza ca coronavirus.
"Ubu nyene dutanguje isekeza ryo kurwanya ico kiza mu Burundi twise 'Ndakira, sinandura kandi sinanduza'".
Igihe leta yiwe nshasha irahira, Perezida Ndayishimiye yaboneyeho bo gutangaza ingingo zitari nke zo guhangana nayo, anasaba abanyagihugu bose kuvira hasi rimwe kugira ngo barwanye iki kiza karanda.