Coronavirus: Trump yanse kwambara agatambara gapfuka umunwa n’amazuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko atagiye kwambara agatambara gapfuka umunwa n'amazuru nk'uko abajejwe amagara y'abantu babihanura abanyagihugu.
Perezida Donald Trump avuga ko atiteze ko azokwerekanwa mu biro iwe ariko aramukanya n'abategetsi batandukanye yambaye ako gatambara.
Ashimangira ko izo mpanuro zaraye zitanzwe ejo ku wa gatanu z'uko abanyagihugu bose bokwambara utwo dutambara ari "ku gushaka kwa muntu".
Ati: "Jewe mbona atari ngombwa ko tutwambara, sinibaza ko jewe nzobikora!".
Izo mpanuro zatanzwe n'ikigo kijejwe gukinga indwara muri Amerika, Centers for Disease Control and Prevention (CDC), zitanzwe mu gihe Amerika itangaza ko abantu barenga 1100 baraye bahitanywe na coronavirus mu masaha 24 gusa - igitigiri kinini kitari bwaboneke na hamwe kw'isi.
Amerika gushika ubu, itangaza ko abantu 278,458 bamaze kwandura uwo mugera, nayo abarenga 7000 ukaba umaze kubahitana, nk'uko bimenyeshwa n'ishure kaminuza Johns Hopkins.
Gushika ubu, abajejwe amagara y'abantu bavuga ko utwo dutambara dukwiye kwambarwa n'abarwaye bo nyene, canke abasanzwe bavura abarwaye coronavirus.
Hagati aho, icigwa giherutse gusohoka gihanura ko ari vyiza ko umuntu yokwipfuka amazuru n'umunwa kugira ngo ntahave yandura atabizi.


Trump ati: "Nivyo ko ivyigwa biherutse gusohoka vyerekana ko hari abanduza iyo ndwara ata n'ibimenyetso vyerekana ko barwaye, ivyo bikaba bitandukanye n'ivyo twahora twibaza".
Ariko, inyuma y'aho amenyeshereje impanuro zitangwa n'ikigo kijejwe gukinga indwara, yabwiye abanyamakuru ati: "Jewe numva atavyo nshaka gukora".
Ati: "Jewe mbona atari ngombwa. Mpisemwo kutakambara, ariko abandi bahisemwo kutwambara, nta ngorane, ni vyiza. Bifise kubafasha kumbure!"
Abajijwe igituma, yishuye ati: "Eka jewe ntavyo nshaka. Jewe nibaza ko ntiteze kuboneka ndiko ndamukanya n'abaperezida, abashikiranganji ba mbere, abategetsi batwaza igitugu, abami n'abamikazi ndakambaye".
"Sinzi! Mugabo jewe ntavyo mbona! Ntavyo niyumvamwo gusa! Ariko kumbure ngira ngo birashoboka ngahindura ivyiyumviro!"
Kuva ubu, Abanyamerika bahanurwa kwambara udutambara kugira bapfuke amazuru n'umunwa iyo bari mu bantu benshi.
Gushika ubu, abamaze kwandura umugera wa coronavirus kw'isi yose baramaze kurenga umuliyoni.
Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, rivuga ko utwo dutambara dukora neza gusa mu gihe abantu bakurikije ibijanye n'isuku, nk'ukaraba umwanya wose, kandi bakirinda kwegerana.
Gushika ubu OMS ntitegeka abantu batarwaye ko botwambara. Hagati aho, abahinga batari bake mu vyo amagara y'abantu babandanya bavuga ko hari akarusho.
Bavuga ko hari abanduye uwo mugera ariko baterekana ibimenyetso, abo nabo bakaba bashobora kuyanduza abandi batabizi.
Rero kuri bo, abanyagihugu bose bambaye utwo dutambara, vyofasha ko abo bantu baterekana ibimenyetso ariko baranduye kutandukiza abandi.










