Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwurinda David Cameron yahagaritswe azize kwibagirira imbunda muri WC y'indege
Umupolisi yakora akazi ko kurinda uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yahagaritswe nyuma yo kwibagirira inkoho muri WC y'indege.
Igipolisi c'Ubwongereza cemeje ko uwo mupolisi yakuwe mu kazi kandi akaba ariko aragirwako itohoza nyuma y'aho ivyo yakoze bimenyekaniye.
Iyo nkoho bivugwa ko yari yuzuye amasasu, yatowe n'ingenzi hasigaye umwanya muto ngo indege ihagurutse, ayitora iri kumwe na passport ya Bwana Cameron.
Indege barimwo y'ikompanyi British Airways yaratebejwe ikiringo c'isaha imwe, kuko umupilote yariko araremesha ingenzi azibwira y'uko abarinda vya hafi abategetsi bemerewe kwinjirana inkoho mu ndege.
Bivugwa ko mu nyuma iyo nkoho yaciye ikurwa muri iyo ndege.
Iyo nkoho, vyibazwa ko yari iyo mu bwoko 9mm Glock 17 pistol, bivugwa ko yasizwe muri iyo WC n'umupolisi acunga abantu vya hafi wo mu rwego rwa Met's Specialist Protection, akaba yari yayikuye mu rwubati rwayo ariko arihagarika.
Passport ya Bwana Camero hamwe n'iy'uwo mupolisi, basanze ziri kumwe n'iyo nkoho, nk'uko bitangwaza n'ikinyamakuru co mu Bwongereza, The Sun.
Umuvugizi w'igipolisi c'Ubwongereza yagize ati: "Turazi neza ivyo vyabereye mu ndege yari ije mu Bwongereza itariki zitatu z'ukwa kabiri kandi uwo mupolisi yakuwe mukazi.
"Ibi vyabaye twabifashe nk'ibihambaye cane kandi twatanguje itohoza ry'indani."
Bwana Cameron yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza ikiringo c'imyaka itandatu gushika mu kwezi kw'indwi 2016, aho yatanga imihoho kubera ivyavuye mu matora ya kamarampaka yo kuva kw'Ubwongereza mw'ishirahamwe rya Buraya.