Iran: Imyiyerekano yo kwiyamiriza abategetsi, Trump abatera intege

Abari mu myiyerekano i Tehran basaba abategetsi gutanga imihoho

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano i Tehran basaba abategetsi gutanga imihoho

Abanya Irani baharurwa mu majana ejo barihaye amabarabara ku mugwa mukuru Tehran, kugira berekane ishavu bafitiye abategetsi bise ababeshi, inyuma y'uguhakana ko ari bo barashe indege ya Ukraine.

Iyo myiyerekano yabereye ku bigo vy'amakaminuza abiri, aho abari muri yo banatewe vya vyuka bikoroza amosozi.

Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yanditse ubutumwa ku rubuga rwa Twitter abatera intege.

Ejo ku wa gatandatu, Irani yemeye ko ari yo yakoroye indege yunguruza abantuyya Ukraine "ku kwihenda", inyuma y'iminsi itatu iryo sanganya ribaye rigahitana abantu 176 bari muri yo.

Muri iyo myiyerekano, abanyeshure barakoraniye ku bigo bishika bibiri, Sharif na Amir Kabir, nk'uko amakuru abivuga.

Mu ntango bari bakoraniye hamwe ngo bibuke abaguye muri iryo sanganya, ariko ku mugoroba, vyagiye kwadukamwo imyiyerekano aho abari muri yo bagaragaje ishavu bafitiye abategetsi.

Ikinyamakuru Fars cegereye ubutegetsi kivuga ko abari muri yo bashika 1000 baririmba indirimbo zo kwiyamiriza abategetsi bongera batabagura amasanamu ya Jenerali Soleimani.

Abo banyeshure basaba ko abarashe iyo ndege, hamwe n'abagerageje kubakingira ikibaba bakurikiranwa n'ubutungane.

Abanyeshure bari bakoraniye hanze y'ishure kaminuza Amir Kabir ejo ku wa gatandatu bibuka abaguye mw'ryo sanganya ry'indege

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyeshure bari bakoraniye hanze y'ishure kaminuza Amir Kabir ejo ku wa gatandatu bibuka abaguye mw'ryo sanganya ry'indege

Muri izo ndirimbo biyamiriza indongozi nkuru Ayatollah Ali Khamenei banasabira urupfu abo bita ababeshi.

Fars ivugako igipolisi "cashwiragije" abari muri yo kuko bariko bazibira amabarabara.

Imbuga hwaniro zerekana abapolisi bariko batera ivyuka bikoroza amosozi.

Eka n'abakoresha izo mbuga hwaniro nabo nyene bariyamirije ibintu vyakozwe na leta y'igihugu cabo.

Umwe muri bo yanditse ati: "Si nzigera mbabarira abategetsi b'igihugu cacu, abantu bari aho vyabereye n'ububeshi bwakurikiye".

Hagati aho, abo bari muri iyo myiyerekano bari inkehwa cane rwose ugereranije n'isinzi ry'abanyagihugu bihaye amabarabara mu gihugu cose biyamiriza igandagurwa rya Soleimani.

Iyi myiyerekano ibonwa gute?

Perezida Trump yanditse ubutumwa bwiwe kuri Twitter, mu congereza no mu gi Farsi (canke igi Perse, ururimi ruvugwa muri Irani) ati:

"Ku ntwari z'abanya Irani bababaye. Namye ndi kumwe namwe kuva nshitse ku butegetsi kandi leta ndongoye izobagwa inyuma".

"Turiko turakurikiranira hafi iyo myiyerekano yanyu. Ubutwari bwanyu buratanga icizere".

Eka n'umunyamabanga wa leta ajejwe imigenderanire ni uko nyene. Avuga ati: "Ijwi ry'abanya Irani rirumvikana. Bararuhishijwe n'ububeshi, ibitutire n'ubujuju vy'ubutegetsi bwabo, hamwe n'ubutagondwa bwa IRGC (Igisata ca gisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu) bahagarikiwe n'ubugome bwa Khamenei. Turifatanije n'abanya Irani banyotewe kazoza keza".

Irani yemeye gute ko ariyo yakoroye irya ndege?

Mu kiringo c'iminsi itatu, Irani yagumye yiyamiriza amakuru yavuga ko ari igisasu ca misire yayo camanuye irya ndege, aho umwe mu bavugizi b'ubutegetsi yagirije ibihugu vyo mu burengerazuba ko ari "ababeshi kandi ko bashaka gutesha umutwe ubutegetsi bwa Irani".

Ariko ejo ku wa gatandatu mu gatondo, itangazo ryaciye kuri televiziyo ryavuga ko leta yemeye ko ariyo yakoroye iyo ndege ku kwihenda.

Jenerali Amir Ali Hajizadeh, umukuru w'ingabo zirwanira mu kirere mu ngabo zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Isilamu muri Irani, arasigura ingene vyagenze.

Avuga ko uwujejwe gutera ibisasu vya misire yakoze ivyiwe atawe agishije inama, yitiranya iyo ndege "n'igisasu ca misire" inyuma y'aho hari amakuru bari baronse ko hari misire zariko ziraraswa muri Irani.

"Yari afise imisegonda 10 yo gufata ingingo. Muri ico gihe yashobora gufata ingingo yo kurasa canke kutarasa, rero yahavuye afata ingingo itari yo".

Jenerali Hajizadeh avuga ko yaciye amenyesha abategetsi ivyari bihejeje kuba ku wa gatatu nyene, akavuga ko adatahura igituma Irani yagumye ivuga ko ata ruhara yari ibifisemwo.

Ayatollah Khamenei yavuze ko ivyabaye vyavuye ku kwihenda kwa kiremwamuntu, mu gihe Perezida Hassan Rouhani avuga ko "Irani ibabajwe cane n'iryo kosa".

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani, Javad Zarif, yagiriza Amerika ko ari yo yatumye ivyabaye biba uko vyagenze.