Iran: Televiziyo ya leta itangaza ko indege ya Ukraine yarashwe “ata gushaka”

Iyo ndege yakorotse haciye akanya gato igurutse

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Iyo ndege yakorotse haciye akanya gato igurutse

Igisirikare ca Irani kivuga ko carashe "kitabishaka" ya ndege ya Ukraine yari itwaye ingenzi 176, nk'uko bivugwa na televiziyo ya leta ya Irani.

Iryo tangazo rivuga ko "habaye ukwihenda" inyuma y'aho iyo ndege yariko igendera hejuru y'ikibanza gikomeye cane hafi y'ikigo c'ingabo zijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki Islamu.

Irani yari yahakanye ivyavugwa ko imwe muri misire zayo ariyo yakoroye iyo ndege hafi y'umugwa mukuru, Tehran, ku wa gatatu.

Ariko, amakuru yava mw'igendereza rya Amerika na Canada yaguma yerekana ko Irani ariyo yarashe iyo ndege, kumbure ku kwihenda.

Iyo ndege y'ikompanyi ya Ukraine yakorotse haciye amasaha makeya Irani iteye ibisasu vya misire ku birindiro bibiri vy'ingabo za Amerika muri Iraq, ingenzi 176 barimwo nta n'umwe yarokotse.

Irani yateye ivyo bisasu mu guhora umutegetsi mukuru mu gisirikare ca Irani Qasem Soleimani yari yishwe na drone y'abanyamerika ku wa 03 z'ukwa mbere.

Ibinyamakuru vya Amerika vyatangaje ko Irani yoba yarashe iyo ndege yihenze mu gihe yariko yitegura ko Amerika ishobora kwishura ivyo bitero.

Abicishije kuri Twitter uno munsi ku wa gatandatu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani, Mohammad Javad Zarif, yavuze ko "akigenzo ka Amerika" kari mu vyatumye iyo ndege iraswa.

Mu gihe ivyemezo vy'uko iyo ndege yashobora kuba yarashwe na misire vyariko birigaragaza, Irani yemeye ko amatohoza akwiye azokorwa.

Ariko ku wa kane, amasanamu yerekanywe kuri televiziyo ava aho iryo sanganya ryabereye, yerekanye ingene umwe mu bariko bagerageza kurondera ivyatumye iryo sanganya riba anyegeza bimwe mu bisigarira, bica bituma haba amakenga ko bimwe mu vyemezo bishobora kuba vyaranyegejwe.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Canada Francois-Philippe Champagne yagabishije Irani ko "amakungu yariko arayihweza", ayigabisha ko imiryango y'ababuze ababo "ikeneye kumenya ukuri".

Imbere y'aho, umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yamenyesheje ko yari yaronse amakuru y'ukwizera yemeza ko iyo ndege ishobora kuba yarashwe n'igisasu ca misire ca Irani.

Ireresi yashikiriye mu minwe y'ikinyamakuru New York Times isa n'iyerekana igisasu ca misire caturitse gisetse iyo ndege, ica ifatwa n'umuriro n'aho yabandanije igenda.

Iryo tangazo rimenyesha ko abarashe iyo ndege bategerezwa gukurikiranwa.